Giteranyi : Umuti wokubuza abagabo kurenga ibigo

5 12-05-2014 - saa 15:49, IGIHE

Bamwe mu bakenyezi bo muri komine ya Giteranyi intara ya Muyinga, bavuga ko ubu batoye umuti utuma abashingantahe babo bataja kurondera abandi bagore hanze. Uwo muti nawo, akaba ari ibiyago bigishwa kuyagira abagabo babo mu gihe c’ukurangura amabanga y’abubatse.
Mu kiganiro bamwe muri abo bakenyezi bahaye ikinyamakuru IGIHE mu gatondo ko kuri uyu wa 12 Rusama uyu mwaka, bakaba bavuze ko utujambo twiza bahora batinya kubarira abashingantahe babo mu bihe bariko bararangura amabanga y’abubatse, (...)

Bamwe mu bakenyezi bo muri komine ya Giteranyi intara ya Muyinga, bavuga ko ubu batoye umuti utuma abashingantahe babo bataja kurondera abandi bagore hanze. Uwo muti nawo, akaba ari ibiyago bigishwa kuyagira abagabo babo mu gihe c’ukurangura amabanga y’abubatse.

Mu kiganiro bamwe muri abo bakenyezi bahaye ikinyamakuru IGIHE mu gatondo ko kuri uyu wa 12 Rusama uyu mwaka, bakaba bavuze ko utujambo twiza bahora batinya kubarira abashingantahe babo mu bihe bariko bararangura amabanga y’abubatse, ubu badatinya bivanye n’ukuba bari baraboshwe n’ugutinya kuyaga n’abashingantahe babo mu kwibohera mu mico ya kera yakumira umwana w’umwigeme. Abo bakenyezi bakamenyesha ko inyigisho bahabwa n’abaremeshakiyago, zibafasha kwubaka neza, ndetse bakavuga ko bahamenyeye vyinshi batari bazi, ndetse bakamenya na bimwe mu bikorwa borangurira abagabo babo, vyotuma badasubira guharikwa, hamwe no kwama bababazwa n’uko abo bubakanye barenze ibigo.

Nijimbere Furaha, umwe mu baremeshakiyago bo muri iyo komine ya Giteranyi, avuga ko kuva mu mwaka w’1996 ariko aratanga inyigisho z’uko abakenyezi boyaga n’abashingantahe babo ku bijanye n’amabanga y’abubatse, vyatumye ingo nyinshi zimenya ivyo zitari zizi, bica bituma uguharika, ukurenga ibigo bihera.

Ariko avuga ko impinga ikiri ndende, kuko hari bamwe mu bakenyezi barahira bakarengwa ko batoshobora kwubahuka bakayagira abasghingantahe babo, uko bokwipfuza ko amabanga y’urugo arangurwa, benshi muri abo batinya akaba ari abamaze kugera mu zabukuru, babona ko boba bariko barata imico y’abasokuru. Furaha Nijimbere akamenyesha ariko ko, uwutosora ifuku yamiza akatsi mu jisho, kuko adahengeshanya kubarira bamwe mu bakenyezi baba bayaze, ko bambaye ikirezi ariko batabona ko cera, ari naco gituma bakwiye kuva ibuzimu bakaja ibuntu, bakareka gupfana ubwoba mu biyago bikingira urugo.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
Charles hakizimana 2016-11-16 20:55:58

kubiganirako singaye,bukeye bwaho uwo mugabo ntikizobuzwako akwengwetana nuwundi mugre canke inkumi!Mugtanda niho hacirwa imanza zabubakanye?

2
Prince 2014-05-13 23:44:26

Nimugerageze muze murabigisha ariko mutibagiye no kwigisha abagabo. Abarundi baracari injiji kubera imico ya kera yo kwicisha bugufi. Ni nayo mpamvu u Burundi butazigera butera imbere vuba.

3
Gapendeke Chantal 2014-05-13 11:44:55

Emwe si ukuvuga ivyarivyo vyose bizobuza abarenga ibigo kubirenga, harenga ingeso. Mbe none iyo abo bagabo bagiye kurenga ibigo, iyo bagiye barababwira utwo tujambo? iyaba aritwo barondera baba babibwira abo bubakanye bati nifuza uku na kuriya, ntibobanza kuja kubirondera hanze. Ni kuki iyo bashonje basaba ivyo kurya?Ibindi babuzwa niki kubivuga bati wogira nka naka? Yesu wenyene niwe ahaza umuntu muri vyose, ni bakire Yesu abagabe abaganze, yuzuze inzara n’inyota.

4
Mama 2014-05-13 04:55:33

Abantu bomu Giteranyi ukondahumva ahobazojijukira ahandi mugihugu hazoba hasigaye ari Bulaya, kukonumva ngonumuntuwaho yize acahitamwo kuhaheba ngokubera arimpera y’Isi!!!

5
Magmbo 2014-05-12 23:45:20

Gerageza ugendere intara zose!

Kumenyekanisha