Giharo : Impunzi zirukanwa na Tanzaniya zibayeho mu buzima bubi

1 1er-10-2013 - saa 03:09, IGIHE

Kuva impunzi z’abarundi ziba umu gihugu ca Tanzaniya zitanguye kwirukanwa, komine ya Giharo iri mu ntara ya Cankuzo imaze kwakira abirukanywe muri ico gihugu bagera ku bihumbi 14.
Abo birukanwa n’icogihugu bakaba basaba gufashwa na rirya birukanwa atakintu nakimwe bafise, ndetse no mu vyo batunze hari naho usanga atavyo barukananywe. Abo barundi rero, abakaba bavuga ko batibuka uburere bahunze bavamwo mu Burundi, mu gihe abandi nabo bavuga ko aho baba imbere bahibuka, ariko ko basanze (...)

Kuva impunzi z’abarundi ziba umu gihugu ca Tanzaniya zitanguye kwirukanwa, komine ya Giharo iri mu ntara ya Cankuzo imaze kwakira abirukanywe muri ico gihugu bagera ku bihumbi 14.

Abo birukanwa n’icogihugu bakaba basaba gufashwa na rirya birukanwa atakintu nakimwe bafise, ndetse no mu vyo batunze hari naho usanga atavyo barukananywe. Abo barundi rero, abakaba bavuga ko batibuka uburere bahunze bavamwo mu Burundi, mu gihe abandi nabo bavuga ko aho baba imbere bahibuka, ariko ko basanze harigaruriwe n’abandi. Ubu rero abo birukanwa mu gihugu ca Tanzaniya, bakaba bamwe bakoranirijwe muri komine ya Giharo, ikomine yagutse mu Burundi, yoshobora kwakira izo mpunzi.

Gushika ubu ishirahamwe ritabara imbabare CROIX Rouge na Ligue Iteka, akaba aribo bafasha izo mpunzi, ikindi gihe naho, bagafashwa n’abandi bahasanze kuko nabo bavuga ko ubuzima bw’uguhunga babuzi, na cane cane iyo uhunze ataco ufise. Abo bose bakaba basaba Leta ko yogarukira abo bantu bahunga co kimwe n’amashirahamwe ataho yegamiye mu vya politike.

Twobibutsa ko abo birukanwa baguma baza ku munsi ku munsi, ndetse bakaba bashikira mu ntara z’Uburundi ziri ku rubibe n’igihugu ca Tanzaniya.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
mahoro 2013-10-01 12:32:57

Ewe jewe nanje.Ni muze abantu twese tubishoboye dufashe abo bantu kuko guhunga no guhungurwa ku nguvu birababaje.inda woyibaza uwayirayeko

Kumenyekanisha