Ekreziya gatorika yerekanye aho ihagaze ku tegeko rigenga umwuga w’ukumenyesha amakuru

0 19-06-2013 - saa 04:25, IGIHE

Ekleziya gatolika yaramenyesheje aho ihagaze ku bijanye narya tegeko rishasha rigenga abamenyeshamakuru, aho basiguye ko igikenewe ari ugutora umuti w’ibibazo uhumuriza bose kandi wubahiriza inyungu z’igihugu.
Mw’itangazo baheruka gushira ahabona kuri iryo tegeko ririmwo impari nyinshi, abarongoye ekleziya gaturika mu Burundi bamenyesha ko vyari bikenewe ko ingingo zitariko zirahurizwako zokurwamwo kuko zituma iryo tegeko ryose riboneka nk’irifise utunenge. Amategeko ashirwaho akwiye kuba (...)

Ekleziya gatolika yaramenyesheje aho ihagaze ku bijanye narya tegeko rishasha rigenga abamenyeshamakuru, aho basiguye ko igikenewe ari ugutora umuti w’ibibazo uhumuriza bose kandi wubahiriza inyungu z’igihugu.

Mw’itangazo baheruka gushira ahabona kuri iryo tegeko ririmwo impari nyinshi, abarongoye ekleziya gaturika mu Burundi bamenyesha ko vyari bikenewe ko ingingo zitariko zirahurizwako zokurwamwo kuko zituma iryo tegeko ryose riboneka nk’irifise utunenge. Amategeko ashirwaho akwiye kuba ahumuriza abantu bose kugira abategetsi birinde ikintu coza kidusubiza inyuma ahubwo kabe akaryo ko gushiraho ukwizerana mu banyagihugu.

Mu gihe indwi zibiri ziheze iryo tegeko riteweko igikumu n’umukuru w ‘igihugu, ekleziya gatorika yamenyesheje ko yafashe ingingo yo kuva mu gacerere kugira yerekana aho ihageze ku bijanye n’ iryo tegeko ryateye impari nyishi.

Nk’uko iryo tangazo ribandanya ribimenyesha, iryo tegeko riratandukanye n’iryo mu mwaka w’2003 kuko ritegeka umumenyeshamakuru kuvuga aho yakuye inkuru kandi riragabanya cane ivyo umumenyeshamakuru akwiye gukorerako.

«Turanezerejwe cane n’inyishu umukuru w’igihugu yatanze, aho yamenyesheje ko ibiganiro bizobandanya ku bijanye n’ishirwa mu ngiro ry’iryo tegeko.”

Abaserukira ekleziya gatorika mu Burundi bakaba barangije basaba ko ababijejwe bose bokora ibishoboka vyose kugira impari ziri muri iryo tegeko zihere, kandi no kwirinda ukutumvikana hamwe no kutabona ibintu kumwe, ahubwo ngo ni ukwicarana kugira batore inyishu kuri ico kibazo.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!  

Kumenyekanisha