Communities of Hope ryatanze inzu ku banyagihugu bahuye n’aya myuzurira

0 18-07-2014 - saa 15:09, IGIHE

Ishirahamwe Communities of Hope ryashikirije imfashanyo zigizwe n’inzu zubatswe kijambere ku miryango yahuye n’aya myuzurira yatwara abantu n’ibintu mu kwezi kwa Ruhuhuma uno mwaka.
Mu ntumbero yo gufasha abanyagihugu bo mu Gatunguru bahuye n’ivyago vy’aya segenya yahitana abantu n’ibintu mu kwezi kwa Ruhuhuma, kuri uno wa gatanu, ishirahamwe communities of hope ryashikirije imfashanyo rigizwe n’inzu zubatswe kijambere, kugira mu gihe imvura yosubira kugwa ntibahitane nk’uko vyagaragaye mu (...)

Ishirahamwe Communities of Hope ryashikirije imfashanyo zigizwe n’inzu zubatswe kijambere ku miryango yahuye n’aya myuzurira yatwara abantu n’ibintu mu kwezi kwa Ruhuhuma uno mwaka.

Mu ntumbero yo gufasha abanyagihugu bo mu Gatunguru bahuye n’ivyago vy’aya segenya yahitana abantu n’ibintu mu kwezi kwa Ruhuhuma, kuri uno wa gatanu, ishirahamwe communities of hope ryashikirije imfashanyo rigizwe n’inzu zubatswe kijambere, kugira mu gihe imvura yosubira kugwa ntibahitane nk’uko vyagaragaye mu kwezi kwa Ruhuhuma. Izo nzu zikaba zahawe ahanini imiryango igizwe n’abapfakazi.


Ku miryango yahawe iyo mfashanyo kari akanyamuneza ntangere ndetse bashimiye bimwe vy’imvamutima ishirahamwe Communities of Hope ryabiyumviriyeko. Eka na musitanteri wa komine Mutimbuzi yashimye cane iyo mfashanyo atako asaba n’abandi bagiraneza koboterera agacumu k’ubumwe bakubakira n’abandi banyagihugu. Mw’ishirahamwe Communities of Hope nabo bamenyesha ko hamwe boramuka baronse ubundi buryo ata nkeka boca bubakira n’abandi.

Tubamenyeshe ko iyo mfashanyo igizwe n’inzu zitandatu zubatswe kijambere ,imwe imwe ikaba ifise ivyumba bitatu na salon, imwe yose iciye imiriyoni 20 z’amafranga y’amarundi.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!  

Kumenyekanisha