Urwaruka rw’aba islamu rwibutse impfuvyi

0 5-05-2013 - saa 09:42, IGIHE

Ishirahamwe ry’urwaruka rwo mw’idini ya Islamu bahurikiye muri Collectif des Clubs des élèves Misulmans, bari bafise umunsi mukuru wo kwifatikanya na bagenzi babo b’impfuvyi basanzwe barerewe mu kigo Foyer islamique de la charité kiri muri karatiye Asiatique mu gisagara ca Bujumbura kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 5 Rusama 2013.
Urwo rwaruka rwatanguye kugira urugendo rurerure kandi ari benshi mu gihe bari inkumi n’imisore, bagenda barahayagiza Alah. Nk’igihe c’isaha zine zibura umwanya muto, (...)

Ishirahamwe ry’urwaruka rwo mw’idini ya Islamu bahurikiye muri Collectif des Clubs des élèves Misulmans, bari bafise umunsi mukuru wo kwifatikanya na bagenzi babo b’impfuvyi basanzwe barerewe mu kigo Foyer islamique de la charité kiri muri karatiye Asiatique mu gisagara ca Bujumbura kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 5 Rusama 2013.

Urwo rwaruka rwatanguye kugira urugendo rurerure kandi ari benshi mu gihe bari inkumi n’imisore, bagenda barahayagiza Alah. Nk’igihe c’isaha zine zibura umwanya muto, niho baca imbere ya kaminuza bita Université Sagesse d’Afrique berekeza ahari iryo rerero ry’abo bana batagira abavyeyi riri nko ku metero 200 yahari iyo kaminuza.

Nkuko bishikirizwa na Nzohabonayo Abdoul-Kharim asanzwe ari icegera c’umukuru w’ishirahamwe, yatumenyesheje ko uyu munsi ugira gatatu kuva umwaka w’2013 utanguye bagira igikorwa nk’ico, niko guca amenyesha ko intumbero yabo ari kugira bereke abo bana ko bafise umuryango, incuti n’abagenzi mu gihe baba bafashe akanya bagasangirira hamwe imfungurwa eka n’ivyo baba bateguye vyose.

Iryo rerero rifise abana barenga mirongo umunani nkuko vyashikirijwe na Habonimana Hassan asanzwe ajejwe ivy’indero muri iryo shirahamwe. Yatumenyesheje ko bategekanije aba pfasoni bakuze atakandi kazi bakora atari ukuguma hafi y’abo bana ngo bagume babigisha indero nziza kuko harimwo abana bariko barakura eka harimwo n’abagire baheze amashure jyisumbuye. Ibindi bigishwa ngo ni ibijanye n’idini rya Islamu.

Muri iryo rerero harateguwe neza kuburyo abigeme bafise aho barara, abahungu ukwo nyene, utuzu twa sugumwe n’ibindi bikoresho vyarategekanijwe. Abo bana bafungurirwa mu gatondo, ku murango eka no mw’ijoro. Bose bariga nkuko twabishikirijjwe n’abarongoye urwo rwaruka.

Ariko rero naho biri uko ngo ingorane zo ntizibuze, kuko abo bana baharerewe bakenera vy’inshi cane cane nk’ivyambarwa, amahera y’ishure, kuronka imfungurwa zikwiye, ari naco gituma batera akamo Leta y’Uburundi be n’ayandi mashirahamwe mpuza makungu kugire bafashe mu kwunganira abitanga kugire abo bana b’Igihugu bashore kubaho nk’abandi bana.

Mu myaka iheze hari abana barenga ijana ariko ubu benshi baza baratwarwa n’umwe umwe mu miryango y’abasiramu kugire baje kubarera, mu gihe abasigaye aho bakenera vyinshi, kuko intererano baronswa n’abanyamuryango b’idini canke utundi twigoro dutangwa usanga ari duke ugereranije n’abana baba aho muri iryo rerero.

Iryo rerero rikaba rimaze imyaka mirongo ibiri, abana batanguye kuribamwo bamwe ubu barubatse izabo kandi nabo nyene ubu bakaba bareze abandi bana batagira icepfo na ruguru.

Mu gusozera urwo rwaruka rutera akamo abandi basore canke inkumi z’Uburundi kwitaho abana batagira iyo baja niyo bava mu kubereka ko barikumwe nabo mu ngorane zose, hako babaja kure canke ngo babinube, kuko ejo nabo bazovamwo abantu bakomeye muri iki gihugu. Eka kandi n’umuntu wese yoba afise umutima w’ikigongwe yoshobora kugira ico aterereye gurtyo Imana ikazomushimira.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!  

Kumenyekanisha