Burundi: Qatar Airways na Air Burundi zasinye amasezerano

1 24-05-2013 - saa 06:08, IGIHE

Qatar Airways iserukiwe n’umukuru w’iryo shirahamwe, Abulaziz Mohamed Al-Nuaimi, Uburundi nabwo buserukiwe n’umushikiranganji w’ugutwara abantu n’ibintu Deogratias Rurimunzu, baherutse gutera umukono ku masezerano y’ukwunguruza abantu n’ibintu biciye mu kirere.
Ayo masezerano hagati y’Uburundi na Qatar, yateweko umukono kuw’ Imana i Doha arekurira ayo mashirahamwe yose Qatar Airways na Air Burundi gushobora kuzokora ingendo incuro indwi kw’iyinga kuva Doha uja i Bujumbura. Hazoba hari indege (...)

Qatar Airways iserukiwe n’umukuru w’iryo shirahamwe, Abulaziz Mohamed Al-Nuaimi, Uburundi nabwo buserukiwe n’umushikiranganji w’ugutwara abantu n’ibintu Deogratias Rurimunzu, baherutse gutera umukono ku masezerano y’ukwunguruza abantu n’ibintu biciye mu kirere.

Ayo masezerano hagati y’Uburundi na Qatar, yateweko umukono kuw’ Imana i Doha arekurira ayo mashirahamwe yose Qatar Airways na Air Burundi gushobora kuzokora ingendo incuro indwi kw’iyinga kuva Doha uja i Bujumbura. Hazoba hari indege zunguruza abantu hamwe n’ibiciro bizokorohereza ingenzi ziva i Bujumbura.

Uburundi n’igihugu co muri Afrika y’Ubuseruko gikorana n’amashirahamwe y’unguruza abantu n’ibintu biciye mu kirere ariyo Brussels Airlines i Buraya; Kenya Airways, Ethiopian Airlines, RwandAir, Air Uganda, na South African Airways. Qatar Airways rero ije yiyongera kur’izo zahahora.

Ayo masezerano hagati ya Qatar Airways na Air Burundi azorushiriza kworosha mu bijanye no guhanahana ibidandazwa mu karere ka Afrika y’Ubuseruko hamwe n’akarere k’ibiyaga binini, kakazoba kandi ari akaryo keza ku ngenzi.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
Man 2016-08-29 22:15:00

ni saw

Kumenyekanisha