Burundi : Abakenyezi bagera ku 19 530 nibo bafashwe ku nguvu mu mwaka w’i 2013

2 14-06-2014 - saa 15:25, IGIHE

Mu matohoza yakozwe n’ishirahamwe ry’abakenyezi mu Burundi, CAFOB, abakenyezi n’abigeme bagera ku 19 530 nibo bafashwe ku nguvu mu mwaka w’ 2013.
Kuri uyu wa gatanu wa 13 Ruheshi 2014, Antoine Ndayishimiye, umukuru w’ishirahamwe ry’abakenyezi mu Burundi, CAFOB (Collectif des Associations et ONG Feminines du Burundi), yamenyesheje ko igitigiri c’abakenyezi n’abigeme bafatwa ku nguvu kinini cane mu Burundi.
Intara zo mu Buraruko bw’igihugu nka Kirundo na Kayanza akaba arizo ziza imbere ku bakenyezi (...)

Mu matohoza yakozwe n’ishirahamwe ry’abakenyezi mu Burundi, CAFOB, abakenyezi n’abigeme bagera ku 19 530 nibo bafashwe ku nguvu mu mwaka w’ 2013.

Kuri uyu wa gatanu wa 13 Ruheshi 2014, Antoine Ndayishimiye, umukuru w’ishirahamwe ry’abakenyezi mu Burundi, CAFOB (Collectif des Associations et ONG Feminines du Burundi), yamenyesheje ko igitigiri c’abakenyezi n’abigeme bafatwa ku nguvu kinini cane mu Burundi.

Intara zo mu Buraruko bw’igihugu nka Kirundo na Kayanza akaba arizo ziza imbere ku bakenyezi n’abigeme bafatwa ku nguvu. Mu matohoza yo mu mwaka w’ 2013, intara ya Kirundo yaharurwamwo abagera ku 5 763, mu ntara ya Kayanza nayo abagera kub 2 409.

Inama yari yatunganijwe kuri uyu wa 13 Ruheshi n’ishirahamwe ry’abakenyezi CAFOB ikaba yariyo gushiraho umugambi wo kurwanya amabi akorerwa abigeme , abakenyezi hamwe n’abana mu karere k’ibiyaga bigari (Uburundi, Urwanda hamwe na Repubrika iharanira intwaro rusangi ya Congo) kuko aribo nkingi y’iterambere.

Kubijanye no kumenya ibituma bikuru haba igitigiri kinini c’abafatwa mu ntara zo mu Buraruko bw’igihugu, Ndayishimiye Antoine avuga ko akenshi biva ku kungene mu Burundi abagabo benshi batitaho ingo zabo aho basiga bagore babo mu hira bonyene, kuguharika hamwe no ku kunywa ibiyayura mutwe vyinshi harimwo n’inzoga.

Umukuru w’ishirahamwe ry’abakenyezi mu Burundi akaba yasavye ko ibihugu vyo mu karere k’ibiyaga binini vyoshinga amategeko ruhasha ahana abo bose bazoba bafashwe bahohoteye ubuzima bw’abakenyezi. Ivyo bikazotuma ikibi co gufata ku nguvu gituzwa muri ako karere.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
Nwari 2014-06-15 01:59:54

@steeve we ukunda nkuruziza gusumba bashikawe banyokwanyu ’basegen, bashikanyu ’:urikintu iki wewe ???!!baza wibaze abafasoni bafatwa kuguvu? Nabahutu au tutsi au abatwa .uvyarivyo vyose birakwiye kuba???? Aho kuvuga heeeeeeeeeeeeee zeezezzeeeeeee

2
Steeven 2014-06-14 18:55:09

Tuvugishize ukuri intwaro yankurunziza ntibayubaha kuberiki kuntwaro ya buyoya bayubaha kuberiki nkurunziza batoyuba .gusa gushira ibintu kuri internet mucoza igihuguzi nubutegetsi jew tubana nabatutsi batoro ishamba mugisoda ca sinduhije.muga sirenza induru hejuru ngo mbwire uburundi ibintu nkivyo reka rero guco uburundi this is time for cnd fdd

Kumenyekanisha