Bujumbura: Ikibazo c’iyarara kigiye gutorerwa umuti

0 9-05-2013 - saa 05:20, IGIHE

Amakaratiye amwe amwe y’igisagara ca Bujumbura akikujwe n’imisozi y’amayarara, ku buryo ababa mu micungararo y’ayo mayarara batakambira Leta ngo ibafashe bayikureho kuko amagara yabo azoheva abangamirwa n’ivyaduka vy’indwara mu minsi iza.
Amakaratiye ageramiwe n’iyo misozi y’iyarara ni nka Aziyatike munsi y’ubunywero benshi bita kwa Teransi, aho umusozi uriko urakura iruhande y’uruzitiro rw’ishirahamwe Regideso, iruhande kandi y’amazu abamwo abantu, hafi rwose y’ubunywero butandukanye bwo muri iyo (...)

Amakaratiye amwe amwe y’igisagara ca Bujumbura akikujwe n’imisozi y’amayarara, ku buryo ababa mu micungararo y’ayo mayarara batakambira Leta ngo ibafashe bayikureho kuko amagara yabo azoheva abangamirwa n’ivyaduka vy’indwara mu minsi iza.

Amakaratiye ageramiwe n’iyo misozi y’iyarara ni nka Aziyatike munsi y’ubunywero benshi bita kwa Teransi, aho umusozi uriko urakura iruhande y’uruzitiro rw’ishirahamwe Regideso, iruhande kandi y’amazu abamwo abantu, hafi rwose y’ubunywero butandukanye bwo muri iyo karatiye.

Ahandi ni iruhande y’amasoko ya Kinama na Ngagara aho ata gikozwe mu maguru masha iyarara ryabaye imisozi ku buryo amagara y’abahadandariza canke abahaba ageramiwe. Abanyagihugu baho bakidogera abategetsi bizo komine ko umenga ivy’iyo misozi iriko irakura bitabaraba.

Abakenyezi badandariza ivyamwa hafi y’isoko ya Kinama bavuga ko ubu bafashe ingingo yo kudandaza babanje gushira kure abana babo ku gutinya ko bohava bihereza indoro z’iyarara ryuzuye iruhande y’isoko.

Umushikiranganji w’ibidukikije amenyesha ko yamaze kwitura ibihugu nk’’Ububirigi n’Ubuholande kugire bize bifashe mu gikorwa co gukura iryo yarara ribangamiye amakaratiye amwe amwe.

Ariko rero umushikiranganji amenyesha ko kugire ico gikorwa kize kiranguke neza, abanyagihugu bategerezwa kugira ico batanze hanyuma Leta n’abagira neza nabo baheze bunganire nk’uko bishikirizwa na Jean Claude Nduwayo umushikiranganji w’ibidukikije.

Umushikiranganji Nduwayo aheraheza amenyesha ko igisagara ca Bujumbura cokwegeranya intonde z’ahari iyarara iruhande y’amazu y’abantu kugira Leta ibikorereko mu gukingira abanyagihugu indwara zivuye kw’isuku rike.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!  

Kumenyekanisha