Bujumbura : Bagira bamwambure zose iyo hadaseruka abantu

44 28-11-2013 - saa 15:53, IGIHE

Abigeme bambara uduhuzu tugufi ntibikwize maze amaguru yabo akagendera hejuru, agahuzu kayapfutse ari gato ntiborohewe mu gisagara ca Bujumbura, kuko barenganye bakirwa n’akaruru k’abasore, bamwe mu bigeme eka n’abagore.
Ivyo rero bikaba ari bimwe mu vyashikiye umwigeme yari asohotse aho bifotoreza, haruguru y’inyubakwa Galerie du Marche, hafi y’ibanki Ecobank. Uyo mwigeme akaba yari yambaye agakanzu kerekana amaguru yiwe yose, ndetse akuye ukugu hasi, agahuzu ko munsi kakaba kahakwa ku boneka. (...)

Abigeme bambara uduhuzu tugufi ntibikwize maze amaguru yabo akagendera hejuru, agahuzu kayapfutse ari gato ntiborohewe mu gisagara ca Bujumbura, kuko barenganye bakirwa n’akaruru k’abasore, bamwe mu bigeme eka n’abagore.

Ivyo rero bikaba ari bimwe mu vyashikiye umwigeme yari asohotse aho bifotoreza, haruguru y’inyubakwa Galerie du Marche, hafi y’ibanki Ecobank. Uyo mwigeme akaba yari yambaye agakanzu kerekana amaguru yiwe yose, ndetse akuye ukugu hasi, agahuzu ko munsi kakaba kahakwa ku boneka. Mwene abo bigeme, bakaba bikika inyuma y’ubushuhe buri mu gisagara, bagaheza bagaca bambara utwo duhuzu twerekana hafi igice cose c’umubiri.

Uyo mwigeme amaze gusohoka kwifatisha amafoto, yakiriwe n’akaruru k’abantu isinzi, baramubuza kurengana, bagira umuzingi imbere yiwe, bose bamuha akamenyo, baramutwenga, abandi nabo bakaza kumutaburirako ako kamanyu k’ikanzu yari yambaye, gushika n’aho imiduga itashoboye kurengana kuko abantu bari buzuye iruhande y’ibarabara ryitiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore. Abaporisi akaba aribo baje kubanguranya, maze bamucira inzira, abagendesha amataxi nabo, baboneraho kuza kumurwanira kugira bashobore mu kumuhungisha.

Abari baraho, bakaba babariye ikinyamakuru IGIHE ko ivyo bikwiye kubera akarorero abigeme bava mu mihana i wabo bari gusa ngo baje gusuma. Bavuga ko ivyo bitari biherutse kwibonekeza mw’ibarabara, aho abigeme b’abarundikazi baza bambaye mwene ubwo buhuzu buberekana amaguru yabo yose, iyo ava akagera, ndetse bamwe ugasanga n’amabere ari ku zuba, bakavuga ko ababigira ari abikika umwiza, baje kudandaza imibiri.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Paji: 1 | 2 | 3 | 4 | 5  

1
NIYONGANJI.Cyriaque 2018-10-26 22:15:31

Abigeme.nibamare.impuzu.zibakwiy.bareke.ubuhumbu.bareke.kudandaza.imibiriyabo.

2
evariste 2018-02-28 13:22:45

nobahanurakwambaranezakukobacabataagaciro

3
Pantekote 2017-09-02 22:15:46

ibi Ntabwo Bikwiye Kwambara Bakikwiza Nibyobyo Byiza

4
NDAYIKEZA JEAN MARIE 2017-05-14 05:54:57

MURIKINOGIHE BAVUGA KO ARIVYO BIGEZWEHO BASHAKA UMUSORE ASHUKWE CANE MAZACAMWEGERA KUKO ABIGE BENSHI BIHEBUYE.

5
072745208)97 2017-05-03 00:21:49

kbs

6
ernest 2017-04-25 12:27:51

nukur nkuw ari umunt wo muryango iwacu nyiyogaruka muhira kuko abarogoye igihugu barakwiye gufata ingingo zogutuza benabo nibo bazanye sida.

7
Samuel Nahayo 2017-04-09 23:33:10

Nivyo Birakwiye Gutuzwa Burundu Mugihugu Cuburundi Uko Nuguhenera Abantu Sukwambara.

8
RIDRAMAN 2017-04-08 21:10:38

je ukondabibona nibareke baratwemeza sana.

9
mbazumutima edouard 2017-04-07 01:23:27

bari babivuganye

10
Berize 2017-03-03 20:46:49

Munpe Ari Gusa Wese.

Paji: 1 | 2 | 3 | 4 | 5  

Kumenyekanisha