Bamenyesha ko bubaka iruhande y’uruzi kukubura ibibanza ahantu hameze neza

0 3-01-2014 - saa 09:38, IGIHE

Abanyagihugu bubaka amazu ahariho hose bivanye n’ubukene bw’isi iguma yaga mu gihe abantu bo baguma barwira, biri mu bituma abubaka ku nkengera z’inzuzi nabo nyene bahura n’ingorane, mu gihe amazu yabo ahura n’ingorane zitandukanye.
Amazu ari iruhande y’uruzi rwa Ntahangwa, arakundwa guhitanwa n’iyo ngorane co kimwe n’abandi bubaka amazu y’ubudandaji. Abubaka ayo mazu rero, bigasa naho batinyira amazu yabo gusumba ukwo botinyira amagara yabo. Ivyo cane cane bikibonekeza ku Mugoboka muri komine ya (...)

Abanyagihugu bubaka amazu ahariho hose bivanye n’ubukene bw’isi iguma yaga mu gihe abantu bo baguma barwira, biri mu bituma abubaka ku nkengera z’inzuzi nabo nyene bahura n’ingorane, mu gihe amazu yabo ahura n’ingorane zitandukanye.

Amazu ari iruhande y’uruzi rwa Ntahangwa, arakundwa guhitanwa n’iyo ngorane co kimwe n’abandi bubaka amazu y’ubudandaji. Abubaka ayo mazu rero, bigasa naho batinyira amazu yabo gusumba ukwo botinyira amagara yabo. Ivyo cane cane bikibonekeza ku Mugoboka muri komine ya Rohero, aho abanyagihugu bubatse amazu y’ubudandaji ndetse bakanayararamwo ku nkengera neza z’ahazanana uruzi rwa Ntahangwa, bikaboneka ko nya tuzu turi ku manga, twoshobora no guhenukira mu ruzi.

Abadandariza aho ku nkengera ndetse n’abahaba, bamenyesha ko bamenyereye kuhaba atabwoba bagiifise, mu gihe bavuga ko ataburyo bafise bamwe bwo kugura ibibanza biri ahantu hameze neza, abandi nabo bakavuga ko kuronka ikibanza bagura ahantu hari umutekano atari ku nkengera z’uruzi, ari ikibazo.

Uri umuntu utahamenyereye, ntiwokwinjira muri utwo tuzu tw’ubudandaji, kuko neza na neza uca ubona wohenukana n’iyo nzu nyene muri Ntahangwa.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!  

Kumenyekanisha