Bafashwe bagiye guhimbaza umweranda batashoboye kuvuga izina

0 29-04-2013 - saa 01:46, IGIHE

Igipolisi co mu ntara ya Ngozi carasubiriye gufata kw’igenekerezo rya 27 Ndamukiza 2013 abandi bayoboke ba Zebiya bagera ku majana abiri bari bagiye mu kibanza c’i Businde, guhimbaza umweranda batashoboye kuvuga izina.
Abo bayoboke bose baciye basubizwa mu bibanza baje bavamwo, kiretse abagera kuri bane bafashwe nk’indongozi z’abo bayoboke. Harimwo umucamanza umwe, abigisha babiri bo mu mashure yisumbuye, n’intwazangabo yo mu gisirikare c’Uburundi. Uwo mucamanza ari mu bafashwe azwi kw’izina rya (...)

Igipolisi co mu ntara ya Ngozi carasubiriye gufata kw’igenekerezo rya 27 Ndamukiza 2013 abandi bayoboke ba Zebiya bagera ku majana abiri bari bagiye mu kibanza c’i Businde, guhimbaza umweranda batashoboye kuvuga izina.

Abo bayoboke bose baciye basubizwa mu bibanza baje bavamwo, kiretse abagera kuri bane bafashwe nk’indongozi z’abo bayoboke. Harimwo umucamanza umwe, abigisha babiri bo mu mashure yisumbuye, n’intwazangabo yo mu gisirikare c’Uburundi. Uwo mucamanza ari mu bafashwe azwi kw’izina rya Karori Ntagwarara, yahoze ari icariho c’umushikirizamanza mukuru wa Repubulika.

Abo bane basigaye mu minwe y’igipolisi bagirizwa kuba aribo barongoye abiyita abayoboke ba Zebiya, baja gusengera mu kibanza c’i Businde mu ntara ya Kayanza. Ico kibanza c’i Businde umwigeme Zebiya Ngendakumana akaba agifata nka ceranda.

Tubibutse ko abagera ku majana abiri aribo bamaze gucibwa imanza z’umunyororo na sentare yo mu ntara ya Kayanza, umunyororo uva ku mezi atandatu gushika ku myaka itanu, bagirizwa kugarariza ingingo y’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu ibabuza gusubira kuja gusengera mu kibanza kiri i Businde.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!  

Kumenyekanisha