Amahoteri y’akarorero arakenewe mu Burundi

10 22-08-2014 - saa 14:32, IGIHE

N’ubwo mu Burundi abanyamitahe basa cane n’abijukiye igisata co kwubaka amahoteri , gushika ubu haracakenewe amahoteri yakira ingenzi zikomakomeye nk’abategetsi baba baje mu ma nama, inyubakwa ishobora kwakira abantu bashika nk’ibihumbi bitanu, ivyo ni vyashikirijwe na Antoine Kabura arongoye ikigo API.
Umuyobozi w’ikigo API Antoine Kabura aremeza ko kuva ico kigo gishinzwe abanyamitahe benshi barubatse amahoteri atari make, ariko n’ubwo biri uko mu Burundi haracakenewe ibibanza biteye igomwe (...)

N’ubwo mu Burundi abanyamitahe basa cane n’abijukiye igisata co kwubaka amahoteri , gushika ubu haracakenewe amahoteri yakira ingenzi zikomakomeye nk’abategetsi baba baje mu ma nama, inyubakwa ishobora kwakira abantu bashika nk’ibihumbi bitanu, ivyo ni vyashikirijwe na Antoine Kabura arongoye ikigo API.

Umuyobozi w’ikigo API Antoine Kabura aremeza ko kuva ico kigo gishinzwe abanyamitahe benshi barubatse amahoteri atari make, ariko n’ubwo biri uko mu Burundi haracakenewe ibibanza biteye igomwe bishobora kwakira nk’amanama akomakomeye ahuza abategetsi , bishikirizwa na Antoine kabura arongoye ikigo API ( Agence burundaise de la promotion des investissements ) mu kiganiro n’abanditsi n’abamenyeshamakuru.

Ni naco gituma mu kigo API basaba abanyamitahe kwijukira kwubaka amahoteri y’akakorero akwije ivyangombwa bisabwa n’amategeko mpuzamakungu, kugira Uburundi bushobore kuja ku rugero rw’ibindi bihugu.

Muri ico kiganiro nyene co kumenyesha ibimaze kurangurwa n’ikigo API, abamenyeshamakuru barabajije ibibazo bitari bike, nk’akarorero aho ikibazo c’ubushomeri kigeze muri kino gihe ico kigo kivuga ko cateye imbere, Antoine Kbura avuga ko amashirahamwe yagiye yoroherezwa n’ico kigo, menshi aracari mashasha ntakintu arakora cane kugira ubushomeri buhari burangire.

Ikindi abamenyeshamakuru babajije n’icerekeye amategeko yoba ahari ajanye no gukingira abanyamitahe hano mu Burundi , umuyobozi arongoye ikigo API, yamenyesheje ko ico kigo gifise amategeko akigenga mbere gushika ino isaha amenyesha ko ata munyamitahe n’umwe birashika aje kwidoga, kuko itegeko rigenga abanyamitahe riteguwe neza.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
bukuru 2016-09-07 15:37:45

Rwanda Convention Centre. Iyi kugira tuyubake bisavye imyaka ingana nk-iyo u burundi bumaze bwikukiye

2
Saintpatrice 2015-05-09 16:03:53

Que dit la loi fiscale sur la construction des hôtels? Je voudrai aussi savoir si les hôtels du Burundi sont classés?
Merci

3
KANANIYINTWARI GERARD 2014-12-23 20:30:48

Egome Cane amahoteri arakenewe mu burundi nko mu KIRUNDO hari hotele imwe yakarorero ahitwa kuri RAMA HOTEL

4
ahmed shaban 2014-08-24 09:59:03

nivyiza cane kubaka amazu yingezi icyo giteke rezo niciza

5
ahmed shaban 2014-08-24 09:59:02

nivyiza cane kubaka amazu yingezi icyo giteke rezo niciza

6
ahmed shaban 2014-08-24 09:59:02

nivyiza cane kubaka amazu yingezi icyo giteke rezo niciza

7
Vubi 2014-08-23 22:05:38

Ico API ivuga kirumvikana ariko ikibazo si ukwubaka iyo Hotel ahubwo nukumenya ko zirya hotel zubakwa nimitahe minini cane nkiyo yokwakira 50 000 personnes ishobora kwubakwa kuri 100 milliard z’amarundi
ayo nayo Imitahe iri muma bank yose yomu Burundi ntashika none yovahe?
Canke za banke zikenye zuburundi zishuza nka convoyeur wa bus kandi zitanga intica ntikize ubwoburyobwovahe canke ho yibaza ko vyoroshe kuyagarura
Amahera nkayo.
Biragoye uwovuga wese ivyo bintu ntivyoroshe tugifise ikibazo ca cash amabanke aracafise imitahe mito cane kandi bivuye kuri politik economik iri hasi cane.
Vubi

8
Mama 2014-08-23 04:08:11

@Uwubizi, hariho ibintuvyishi twama tutumvakumwe ariko ibivyiyumviro utanze birumvikana kandibiratomoye nanje ndabishigikiye. Nanje mbere reka ndakwunganire, Twebwe abarundi twitoye tugakora umugambi (project) yokugira twubake ihotel yagakura ngaha muburundi twobikora.Mutivyogendagute? uburyovyokorwa nibwishi ariko reka mvuge uburyo bumwe bumeze nkubworoshe gake; Ubwambere twohamagaza abarwizatunga 50 buri Kominne mazetugahurira ahantu kugira kwiyemerezehamwe uwomugambi, noneho tukumvikana uko uwariwewese yotanga umutahe noneho tukavugati butimuntuwese azotanga million 5 mumyaka itanu ahorero nshatse kuvugako twoba twihaye ihangiro ryokuzoba tumaze kwubaka iyo Hotel muriyomyaka 5 nukuvuga ayomahera twotanga twihweje tugasanga abahinga twahaye kudukorera iyo project amahera izotwara tugasanga harihayotubura nubundi twojahamwe tugasaba ingurane muma banki, ivyondaziko hariho nabarundi babahanze mubindibihugu batohara mwuwomugambi ndafise numukwe wanje nu muhungu wanje babahanze yu Burundi batotangwa, maze iyo Hotel tugaca tuyita: BARUNDI BARUNDIKAZI RWARUKA HOTEL (BBRH) aho leta yobigiramwo uruhara rukomeye ariko ibikorwa nyenizina vyokurikiranwa numurwi watowe nabahurikiye mwuwomugambi, ariko abojamwuwo mugambi numurundi wariwewese abishaka yabuwuri ngaha mugihugu canke hanze yaco; abikorera utwabo, abakoziba reta , abakorera mumashirahamwe atandukanye nabandibarundi. Ivyorero ntivyobuza nabandi boshora imitahe bavuye mumakungu kuko turakeneye ama Hotl menshi mu Burundi ariko tukaba dufise segaba BBRH twozobitanguragutse? ubwambere nukumenyesha abantubose kohuguruwe ahanturunaka habantubose bashigikiye uwomugambi wokubaka BBRH maze tukareba ukuntu bavyitabira munyuma bohabwijambo kugirabareberehamwe ukovyokorwa nabahingabazokenerwa abaribo, ninyungu uwariwewese ukwazoyironka, iconzi uwomugambi wateguweneza wotanga akazi kubantu majana namajana abize cane nabize bibayabaye. Twoshirimbere BBRH, ntitwoshirimbere imigambwe, amoko, amadini, ni ntara.

9
nzoza yunus 2014-08-22 23:07:18

Bwira kizigenza nu mupfasoni wiwe, nabamwe bangahe barya igihugu bacicayeko bubake nibo bayafise amwe aryamye mu bushinwa numubuhindi.

10
Uwubizi 2014-08-22 17:33:20

Ingorane zihari ni ukubona bibaza ngo abanyamitahe ni abo bantu bafise ibifaranga vyinshi canke ama societés manini manini gusa. Ico batazi ni uko n´abanyagihugu babayabaye ari abanyamitahe. Igikenewe ni ukubahuza ukabashira hamwe bakubaka ikintu bahuriyeko. Ariko ivyo bisaba ko haba volonté politique yo ku bi stimula. Nk´ubu buri ntara igiye ifata aba commerçants basa n´abifise ikabahuriza ku mugambi umwe wiyumviriwe neza hashobora gukorwa ikintu kimwe gikomeye kandi ata n´umwe bitwaye inguvu n´amafaranga vyinshi. Aba commerçants bonyene ntibashobora kuvyigirira ata bategetsi babigiyemwo. Gusa ingorane abo bategetsi bashobora guca bashaka "kurya", ni co gituma bisaba abantu biyumvira iterambere. Sinzi ko abo bantu tubafise ubu!

Kumenyekanisha