Amabi akorerwa abakenyezi abandanya yibonekeza

0 29-10-2014 - saa 11:18, IGIHE

N’aho umutekano n’ugutsimbataza amahoro biriko birafata inzira nziza, amabi akorerwa abakenyezi n’igitsina gore muri rusangi ntagabanuka, nk’uko bivugwa na Clotilde Niragira umushikiranganji w’agateka ka zina muntu n’ukunganisha ibitsina.
Mu matohozwa yakozwe mu ntara zitanu arizo Bujumbura-mairie, Bujumbura, Cibitoke, Bubanza na Muramvya, bikaba vyerekana ko ihohoterwa rikorerwa abagore ryerekana ibimenyetso canke ryihishije, abagera ku bice 16 kw’ijana aribo bahohotewe muri uyu mwaka w’2013. (...)

N’aho umutekano n’ugutsimbataza amahoro biriko birafata inzira nziza, amabi akorerwa abakenyezi n’igitsina gore muri rusangi ntagabanuka, nk’uko bivugwa na Clotilde Niragira umushikiranganji w’agateka ka zina muntu n’ukunganisha ibitsina.

Mu matohozwa yakozwe mu ntara zitanu arizo Bujumbura-mairie, Bujumbura, Cibitoke, Bubanza na Muramvya, bikaba vyerekana ko ihohoterwa rikorerwa abagore ryerekana ibimenyetso canke ryihishije, abagera ku bice 16 kw’ijana aribo bahohotewe muri uyu mwaka w’2013. Abakozwe ko ayo matohoza akaba ari abana b’abigeme bari hagati y’imyaka 16 na 20.

Umushikiranganji Niragira, akavuga ko mu mwaka w’2010, icegeranyo cerekana ko abagera ku 4000 b’abakenyezi ni ukuvuga ibice 94 kw’ijana, aribo bagiriwe ihohoterwa rifatiye ku gitsina. Uwo mushikiranganji akaba avuga ko abakenyezi bakorerwa amabi menshi nk’uguharikwa, abajejwe kwigisha abanyeshure baturubika bamwe mu bigeme, ababanyi, hamwe n’abandi bo mu kibano batandukanye.

Ariko akavuga kandi ko ubundi buryo bwo gutoteza igitsina gore, ari abakozi bo mu mazu usanga bashurashujwe n’ababakoresha,kenshi kakaba akamizwe n’ingoma.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!  

Kumenyekanisha