Umushikiranganji w’ibikorwa vya reta Moïse Bucumi aherekejwe n’uwuserukira ishirahamwe ry’ubumwe bwa buraya baratanguje ibikorwa vyo gusanura amabarabara RN 11 ahuza Kinyinya na Gisuru hamwe na RN 20 rihuza Ruyigi na Gisuru.
Hari kuri uno wa kane igenekerezo rya 17 Nzero 2013 aho umushikiranganji w’ibikorwa vya reta Moïse Bucumi aherekejwe n’uwuserukira ishirahamwe ry’ubumwe bwa buraya batanguza ibikorwa vyo gusanura amabarabara abiri rimwe RN 11 rihuza Kinyinya na Gisuru hamwe na RN 20 rihuza (...)
Umushikiranganji w’ibikorwa vya reta Moïse Bucumi aherekejwe n’uwuserukira ishirahamwe ry’ubumwe bwa buraya baratanguje ibikorwa vyo gusanura amabarabara RN 11 ahuza Kinyinya na Gisuru hamwe na RN 20 rihuza Ruyigi na Gisuru.
Hari kuri uno wa kane igenekerezo rya 17 Nzero 2013 aho umushikiranganji w’ibikorwa vya reta Moïse Bucumi aherekejwe n’uwuserukira ishirahamwe ry’ubumwe bwa buraya batanguza ibikorwa vyo gusanura amabarabara abiri rimwe RN 11 rihuza Kinyinya na Gisuru hamwe na RN 20 rihuza Ruyigi na Gisuru.
Uburyo buzokoreshwa muri ivyo bikorwa bizokorwa n’ishirahamwe BERCO bukaba bwatanzwe n’ishirahamwe ryubumwe bwa buraya. Amafaranga akenewe mw’isanurwa ry’ibarabara Kinyinya-Gisuru bukaba bungana n’imiriyaridi 900 z’amafaranga y’amarundi mu gihe ibarabara Ruyigi-Gisuru rizotwara umuriyaridi umwe n’imiriyoni amajana ane mu mafaranga y’amarundi.
Twobamenyeshako ivyo bikorwa bizotwara ikiringo c’amezi cumi.
Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!