Allemagne:Abarundi batumirira kwitaba imyiyerekano yo kuwa 20 Ruheshi

18 16-06-2015 - saa 12:59, IGIHE

Abarundi baba mu gihugu c’Ubudagi,bari kumwe n’Umurwi yo gushigikirana no gukurikirana ikibazo c’Uburundi,bahamagarira abarundi baba mu budagi kwitaba imyiyerekano itegekanijwe mu Budagi kuwa gatandatu,igenekerezo rya 20 Ruheshi,2015.
Nk’uko biri mw’itangazo dukesha ikinyamakuru Bujanews, iyo myiyerekano bayitunganije, mu ntumbero yo kwerekana ko badashigikiye ukwitoza k’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza kudakurikije amategeko.
Iryo tangazo rivuga kandi ko iyo myiyerekano yatunganijwe mu (...)

Abarundi baba mu gihugu c’Ubudagi,bari kumwe n’Umurwi yo gushigikirana no gukurikirana ikibazo c’Uburundi,bahamagarira abarundi baba mu budagi kwitaba imyiyerekano itegekanijwe mu Budagi kuwa gatandatu,igenekerezo rya 20 Ruheshi,2015.

Nk’uko biri mw’itangazo dukesha ikinyamakuru Bujanews, iyo myiyerekano bayitunganije, mu ntumbero yo kwerekana ko badashigikiye ukwitoza k’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza kudakurikije amategeko.

Iryo tangazo rivuga kandi ko iyo myiyerekano yatunganijwe mu ntumbero yo kwiyamiriza ubwicanyi bukorerwa abagira imyiyerekano ata kirwanisho bafise,ihonyangwa ry’itegeko nyamukuru ry’igihugu ririko rikorwa n’umukuru w’igihugu,hamwe no gusaba igihugu c’Ubudagi ko covuga ku mugaragaro ko kidashigikiye ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu.

Iyo myiyerekano izotangura isaha zitandatu z’umuhingamo,mu kibanza Bleslauer mu gisagara ca Cologne,ihere isaha icenda.
Iryo tangazo ryibutsa abazokwitaba imyiyerekano bose kwitwaza ifirimbi,yo kuvuza mu ntumbero ko urukino rurangiye.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Paji: 1 | 2  

1
Irakoze Gloria 2017-01-27 16:42:45

Turagombakwamatora Azob

2
BIG SOFT 2015-06-20 04:59:06

NNE GA YEMWE UBU UMENGO GUKORA IVYAHA BIRAREKUWE!EGO AMATORA AZOBA MAIS BAMWE TUZOYAJAMWO KUGIRA IMBONERAKURE NTIZITUMESE!!!NIMUYIKORE MEHO NKEKA YOBUMVIRA!MBE KAKUNDA KUVUGA NGIZN NTUMVA NAWE NINTUVA KKO ATUMVA IVYO BAMUHANURA!

3
Fedas 2015-06-19 09:05:06

TURABASHIGIYE CANE,KURIYO SANGO NYENE YA 20/6/2015 ISAHA ZITANDATU NANJENYENE AHO NDOBANDI NDOBA NDIKO NDAVYINA NIFATANYA NAMWE KUKO LETA Y’UBURUNDI YANANIRANYE PE.

4
prosper Minani 2015-06-19 04:16:58

Nibaza ko bokwiruhukira kuko nomuburundi imyiyerekano yaraheze akazi karakorwa ukuri kwamye.

5
inocent.ngendakumana 2015-06-18 07:14:47

nareke,guturaguza,abanyagihu,icokiringo.sicogwiwe,nimana,ntivyera,yaramukuyeko.amaboko!

6
inocent,ngendakumana 2015-06-18 06:46:13

navako,ntacoyamariye,abanyagihu,yakimariye.abobasangiye,kunyaga,igihugu!

7
muvyeyi 2015-06-17 08:50:07

muribuka pneux na drogue kugra mugire moral nukurinda nkumugwayi womumutwe. imu burundi muriko mugabisha ngo bahunge intambara ya le 20/6, namwe ngo muzoba muri mwibarabara mushigikire abariko bakora amaraso?
bandanya imigambi yanyu yose twarayimenye, ibuye riserutse ntiriba ricishe isuka. mbabajwe nuko mushuka abana babarundi batagira iyo bahungira namwe mwiryamiye akaguru kukandi, mwikoboye, muhaze icoyimena!

8
Bukuru Isaac 2015-06-17 07:34:10

komera ntakidahera nuyumugabo IMANA izomudukurako

9
Minani 2015-06-16 23:28:35

Abavuga ikinyagwanda muragabe,uwo bazofata bazomuturira baziko ari fdlr.
ndazi ko mu budage abakivuga buzuye,ntimuze musohoke mu mazu.
namwe musa n imbonerakure muragowe kuko bashobora kuzobaturira kurya babikora i Bujumbura,donc nobasaba kutiyereka abo bagumutsi.

10
Bitangimana 2015-06-16 21:01:23

Ahubwo ntasoni mugira.gezaho gucafza igihgu ccu,iyo myiyrekno izofshiki m8termber ryighugu cnke mukubho kwumrundi?nn aho mubdagi bazbemerra gutrira amapn?nimuv ibuzmu mujbuntu muz twubke ighugu ccu kko akmuhna kza imvra ihse!!

Paji: 1 | 2  

Kumenyekanisha