Albert Shingiro: Uburundi ntabajejwe umutekano mvamakungu bugikeneye

36 19-07-2016 - saa 08:11, Jean De Dieu

Uwuserukiye Uburundi mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Ambassadeur Albert Shingiro, avuga ko ata basirikare baza guhagararira amahoro mu Burundi bakenewe mu gihe ONU yiga kuri ico kibazo.
Igihugu c’Ubufaransa casubiye gushikiriza icipfuzo mu kanama ka ONU kajejwe umutekano, co kurungika mu Burundi abapolisi mpuzamakungu 228. Bubaye ubugira kabiri Ubufaransa bushikiriza ico ciyumviro, ariko ako kanama ka ONU karananiwe kwumvikana kuri ico cipfuzo ubwa mbere. Uwuserukiye Uburundi muri ONU, (...)

Uwuserukiye Uburundi mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Ambassadeur Albert Shingiro, avuga ko ata basirikare baza guhagararira amahoro mu Burundi bakenewe mu gihe ONU yiga kuri ico kibazo.

Igihugu c’Ubufaransa casubiye gushikiriza icipfuzo mu kanama ka ONU kajejwe umutekano, co kurungika mu Burundi abapolisi mpuzamakungu 228. Bubaye ubugira kabiri Ubufaransa bushikiriza ico ciyumviro, ariko ako kanama ka ONU karananiwe kwumvikana kuri ico cipfuzo ubwa mbere. Uwuserukiye Uburundi muri ONU, Ambassadeur Albert Shingiro, yabwiye abamenyeshamakuru ko Uburundi bumaze kwerekana aho buhagaze ku ciyumviro nk’ico.

Aho umunyamabanga mukuru wa ONU Ban Ki Moon yagendera Uburundi, yashikirije ibitigiri bitatu bishoboka vy’abajejwe umutekano mpuzamakungu borungikwa mu Burundi : 3000, 228 canke abari hagati ya 20 na 50.

Uburundi bwari bwemeye abari hagati ya 20 na 50, ariko nk’uko bivugwa na Albert SHINGIRO, cari igihe amakambi yari agiterwa ariko ubu umutekano waragarutse, n’abo ntibagikenewe, nk’uko abishikiriza.
Icipfuzo c’Ubufaransa rero n’uko horungikwa uwo muce wa kabiri, 228, ariko naho nyene bigasabwa ko Uburundi bubanza kuvyemeza.

Albert Shingiro yongeyeko ko Uburundi bufise abajejwe umutekano bakwiye kandi babishoboye, mbere banafasha no mu makungu, ngo rero nta bandi bakenewe.

Ariko mu gihe hoshikirizwa iciyumviro co kurungika abaporisi mpuzamakungu 20, Uburundi buvuga ko bwokwemera kubiganirako, ariko naho nyene bakaza ata kirwanisho bitwaje.

Uburundi kandi busanzwe bwaremeye ko harungikwa indorerezi z’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika zishika amajana abiri, ngo rero iryo shirahamwe ryari rikwiye gufashwa kugira izo ndorerezi zikwire.

Abajijwe igituma banka ko harungikwa abajejwe umutekano kandi hari abantu bacicwa mu Burundi, Ambassadeur Albert Shingiro yavuze ko naho bibabaje ko hagira n’umwe apfa, ngo ni ibintu biba n’ahandi hose kw’isi, ngo si ikibazo gikomeye cihariye ku Burundi.

Akanama ka ONU kajejwe umutekano karaciga kuri ico cipfuzo c’Ubufaransa.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

63315 10 19-04-2017
Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Paji: 1 | 2 | 3 | 4  

21
maroho 2016-07-19 14:08:35

moikiv

22
Emely 2016-07-19 13:37:21

Jew nukur inteko mvamakungu ahubwo kubwanje zaratevye kko abarund twahonye kwl

23
Happy 444 2016-07-19 13:36:18

Oohaa ! Eheheee ! Rwose Ubufarasa Ndabusetsepe ! Ewe Pays Français Mwaramogojwe No Gutungira Kuntambara , Nogusesa Amaraso ; Icyo Nohanura Uburundi N’abarundi Mukwiye Kuharabira Neza Kuko Abanyamerika Mukujya Kurwana Isomaliya , Habanjye Kujyayo Bakeya . Ibyabantu Bapfa Kuvanakera Abicya Nabasuma Bamyeho , Rwagasore Yavuze Ati Uburundi Burikukiye Intwaro Yabakavamahanga , Ariko Ibisuma N’abambuzi Ntibizigera Bihera

24
tari 2016-07-19 12:38:19

Yemwe ivyotwandika dusaba abasirikare mvamakungu ndabona ataritwebwe gusa tugowe , mpejeje gusoma amakuru nsanzehiryanohino abicwa mubihugubitandukanye nibeshi ahubwo arukurungika abasirikare mvamakungu ntiborungikwa ngaha Burundi gusa bocabarundikwa mubihuguvyose.

25
kayobera 2016-07-19 12:09:29

Abafaransa iwabo ryabananiye gucungera umutekano wabanyagihugu ariko ngo nibarungike abapilice muburundi biratwengeje kweri yaho bosaba ko uburundi bwobarungikira abaja kubacungera umutekano kuko iwabo ryabananiye.umutekano iwacu urakwiye ahubwo nibavugane na reta yuburundi ibarungikire abaja kucungera abanyagihugu bubufaransa

26
Mados 2016-07-19 12:03:17

Nubu Ntibaramenya Ko Uburundi Busanzwe Bwigenga Mbe Mbaz? Iwab Ntibapf?

27
Lili 2016-07-19 11:58:01

Amakuru ali kuvugwa nabenshi nuko abarundi babuze amahera yokwishyura hotel zikigali. Babarangiye ahitwa mugiporo ko aliho hali izo bashobora kwishyura . Kubera kwihagararaho balivumbura barataha. Cyagwa nayo ntayo bali bafite.

28
tari 2016-07-19 11:40:00

Ahubwo nibagire vuba bazirungike mumaguru masha kuko zirakenewe rwose nkurunziza nakarwi kiwe bahoneje abanyagihugu muvyukuri niba amakungu agomba gufasha abarundi koko nave murivyo bintu vyo gufyinata afashe abarundi koko nimba babaye abarundi koko nibave murivyo bintu vyo kuvuga ngo bazotabara abarundi ngwaruko nkurunziza na karwi kiwe barinze gutanga uruhusha ivyo ntibishoboka kuko umugambi wiwe nuwo kubandanya yica abanyagihugu bityo rero umuntu ariko yica siwe worinda gusaba uruhusha jewe nubu nagomba mbaze nkurunziza yaramaze ikiringo ciwe co gutwara igihugu none uyumusi igituma amakungu yahisemwo ku mwinginga nigiki igituma batamuha amasaha yo kuba yahereje ubutegetsi nigiki nkuko bama babigira nahandi habuziki jewe ndashaka uwubishoboye anyishure

29
NDAJE 2016-07-19 11:29:10

UWO SHINGIRO NAMBA ARI UMUSAZI ARASHOBORA KUVUGA NGO NAHANDI BARAPFA MUMITWE YABO HUZUYE AMARASO NKUYO UBONA YARAKWIRIYE KUJA MURI ONU . ONU IRATABARA UWONAWE NUKWICAGUSA IMANA NITABARE ABAYO TURI MUNTA MBWE

30
Medard 2016-07-19 11:17:38

Nibagende muri Amerika no mu Bufarasa nayo iwacu i Burundi ntabo dukeneye.

Paji: 1 | 2 | 3 | 4  

Kumenyekanisha