Albert Shingiro: Uburundi ntabajejwe umutekano mvamakungu bugikeneye

36 19-07-2016 - saa 08:11, Jean De Dieu

Uwuserukiye Uburundi mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Ambassadeur Albert Shingiro, avuga ko ata basirikare baza guhagararira amahoro mu Burundi bakenewe mu gihe ONU yiga kuri ico kibazo.
Igihugu c’Ubufaransa casubiye gushikiriza icipfuzo mu kanama ka ONU kajejwe umutekano, co kurungika mu Burundi abapolisi mpuzamakungu 228. Bubaye ubugira kabiri Ubufaransa bushikiriza ico ciyumviro, ariko ako kanama ka ONU karananiwe kwumvikana kuri ico cipfuzo ubwa mbere. Uwuserukiye Uburundi muri ONU, (...)

Uwuserukiye Uburundi mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Ambassadeur Albert Shingiro, avuga ko ata basirikare baza guhagararira amahoro mu Burundi bakenewe mu gihe ONU yiga kuri ico kibazo.

Igihugu c’Ubufaransa casubiye gushikiriza icipfuzo mu kanama ka ONU kajejwe umutekano, co kurungika mu Burundi abapolisi mpuzamakungu 228. Bubaye ubugira kabiri Ubufaransa bushikiriza ico ciyumviro, ariko ako kanama ka ONU karananiwe kwumvikana kuri ico cipfuzo ubwa mbere. Uwuserukiye Uburundi muri ONU, Ambassadeur Albert Shingiro, yabwiye abamenyeshamakuru ko Uburundi bumaze kwerekana aho buhagaze ku ciyumviro nk’ico.

Aho umunyamabanga mukuru wa ONU Ban Ki Moon yagendera Uburundi, yashikirije ibitigiri bitatu bishoboka vy’abajejwe umutekano mpuzamakungu borungikwa mu Burundi : 3000, 228 canke abari hagati ya 20 na 50.

Uburundi bwari bwemeye abari hagati ya 20 na 50, ariko nk’uko bivugwa na Albert SHINGIRO, cari igihe amakambi yari agiterwa ariko ubu umutekano waragarutse, n’abo ntibagikenewe, nk’uko abishikiriza.
Icipfuzo c’Ubufaransa rero n’uko horungikwa uwo muce wa kabiri, 228, ariko naho nyene bigasabwa ko Uburundi bubanza kuvyemeza.

Albert Shingiro yongeyeko ko Uburundi bufise abajejwe umutekano bakwiye kandi babishoboye, mbere banafasha no mu makungu, ngo rero nta bandi bakenewe.

Ariko mu gihe hoshikirizwa iciyumviro co kurungika abaporisi mpuzamakungu 20, Uburundi buvuga ko bwokwemera kubiganirako, ariko naho nyene bakaza ata kirwanisho bitwaje.

Uburundi kandi busanzwe bwaremeye ko harungikwa indorerezi z’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika zishika amajana abiri, ngo rero iryo shirahamwe ryari rikwiye gufashwa kugira izo ndorerezi zikwire.

Abajijwe igituma banka ko harungikwa abajejwe umutekano kandi hari abantu bacicwa mu Burundi, Ambassadeur Albert Shingiro yavuze ko naho bibabaje ko hagira n’umwe apfa, ngo ni ibintu biba n’ahandi hose kw’isi, ngo si ikibazo gikomeye cihariye ku Burundi.

Akanama ka ONU kajejwe umutekano karaciga kuri ico cipfuzo c’Ubufaransa.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

63315 10 19-04-2017
Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Paji: 1 | 2 | 3 | 4  

11
majambere 2016-07-20 23:45:02

south africa ntamusi hadtorwa ibiziga guhera kuwambere gushika kuwundi wambere

12
Kubitimbwa SANTOS 2016-07-20 15:07:33

Lili,turaje na tari ni intagondwa zabatutsi zigifite nostalgie yabase cya gihe bamaraga abahutu muri 72. Gusa burya sibuno umuti waba twarawubonye.

13
mariya 2016-07-20 11:21:25

Mbe aho babarungika mu Burundi ntibobanza bakabarungika muri Amerika,Alemagne n,ubu faransa ubwayo ko nabo nyene abapfa ari benshi! Nibaza ko uburundi bufise ingabo zihagije!

14
Dusabe 2016-07-20 08:40:28

@turaje (igiceri). Wangu ubanza wibera kwa legentil. Abarundi barikukiye

15
. 2016-07-19 22:46:07

@ Turaje, iryanzu twebwe abarundi tuyita ikiruriruri canke mitego.

16
Musaga 2016-07-19 22:36:15

@tari mujer@Lili maraya. Abarundo barikukiye . Izo ngano zoherezwe mubufaransa guhiga aba terroriste bamaze iminso biha inkumbi. Naho mwangegera mwe ibyo muvuga ntimubizo amaso azageraho akoroke hasi ngo mutegereje MAPROB.

17
turaje 2016-07-19 22:20:36

uradedemba uvuga ibiki Uzi kagame yatore iki muririya nama?
uwo murimyi wumunyakamenge ngo Ni Peter urabona iriya nzu yari kuyinjiramwo koko nubwoba agira imbwa gusa.

18
Kagame 2016-07-19 15:07:32

Nishure Tari,igituma Amakungu Atirukana H.Peter Nkurunziza Nuko Babona Ko Ashigikiwe Nabanyagihu A 95% Bakamubonamwo Ubwenge Nubunararibonye Bihambaye.Afrika Yose Ihanze Amaso Peter Mukwikurako Agahotoro Kabazungu,waraye Ubonye Amatora Ikigali Kovyanse Kubera Atariho Yari, Kagame Nihorari Kuki Batamutoye? Wanka Kwagutwara Aha Muburundi,uzifatagute Ko Agiye Kugutwara Muri Afrika?

19
Schwarzenegger 2016-07-19 14:25:14

Albert Shingiro, Imana yakuduhaye ikudutungire, uryamugabo wintwari uryamugabo.

20
KAKUNZE 2016-07-19 14:24:20

Reka abarundi twarabuze ihero ry’umuti. Ejo hari abariko baratamba n’ubu amaso yaheze munzira biteze ibihano ngo vy’afatiwe u Burundi bwacu mu nama ya AU mu Rwanda. Emwe gezaho gezaho. Nidukure amero kuko twarahinyutse.

Paji: 1 | 2 | 3 | 4  

Kumenyekanisha