Albert Shingiro: Uburundi ntabajejwe umutekano mvamakungu bugikeneye

36 19-07-2016 - saa 08:11, Jean De Dieu

Uwuserukiye Uburundi mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Ambassadeur Albert Shingiro, avuga ko ata basirikare baza guhagararira amahoro mu Burundi bakenewe mu gihe ONU yiga kuri ico kibazo.
Igihugu c’Ubufaransa casubiye gushikiriza icipfuzo mu kanama ka ONU kajejwe umutekano, co kurungika mu Burundi abapolisi mpuzamakungu 228. Bubaye ubugira kabiri Ubufaransa bushikiriza ico ciyumviro, ariko ako kanama ka ONU karananiwe kwumvikana kuri ico cipfuzo ubwa mbere. Uwuserukiye Uburundi muri ONU, (...)

Uwuserukiye Uburundi mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Ambassadeur Albert Shingiro, avuga ko ata basirikare baza guhagararira amahoro mu Burundi bakenewe mu gihe ONU yiga kuri ico kibazo.

Igihugu c’Ubufaransa casubiye gushikiriza icipfuzo mu kanama ka ONU kajejwe umutekano, co kurungika mu Burundi abapolisi mpuzamakungu 228. Bubaye ubugira kabiri Ubufaransa bushikiriza ico ciyumviro, ariko ako kanama ka ONU karananiwe kwumvikana kuri ico cipfuzo ubwa mbere. Uwuserukiye Uburundi muri ONU, Ambassadeur Albert Shingiro, yabwiye abamenyeshamakuru ko Uburundi bumaze kwerekana aho buhagaze ku ciyumviro nk’ico.

Aho umunyamabanga mukuru wa ONU Ban Ki Moon yagendera Uburundi, yashikirije ibitigiri bitatu bishoboka vy’abajejwe umutekano mpuzamakungu borungikwa mu Burundi : 3000, 228 canke abari hagati ya 20 na 50.

Uburundi bwari bwemeye abari hagati ya 20 na 50, ariko nk’uko bivugwa na Albert SHINGIRO, cari igihe amakambi yari agiterwa ariko ubu umutekano waragarutse, n’abo ntibagikenewe, nk’uko abishikiriza.
Icipfuzo c’Ubufaransa rero n’uko horungikwa uwo muce wa kabiri, 228, ariko naho nyene bigasabwa ko Uburundi bubanza kuvyemeza.

Albert Shingiro yongeyeko ko Uburundi bufise abajejwe umutekano bakwiye kandi babishoboye, mbere banafasha no mu makungu, ngo rero nta bandi bakenewe.

Ariko mu gihe hoshikirizwa iciyumviro co kurungika abaporisi mpuzamakungu 20, Uburundi buvuga ko bwokwemera kubiganirako, ariko naho nyene bakaza ata kirwanisho bitwaje.

Uburundi kandi busanzwe bwaremeye ko harungikwa indorerezi z’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika zishika amajana abiri, ngo rero iryo shirahamwe ryari rikwiye gufashwa kugira izo ndorerezi zikwire.

Abajijwe igituma banka ko harungikwa abajejwe umutekano kandi hari abantu bacicwa mu Burundi, Ambassadeur Albert Shingiro yavuze ko naho bibabaje ko hagira n’umwe apfa, ngo ni ibintu biba n’ahandi hose kw’isi, ngo si ikibazo gikomeye cihariye ku Burundi.

Akanama ka ONU kajejwe umutekano karaciga kuri ico cipfuzo c’Ubufaransa.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

62802 10 19-04-2017
Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Paji: 1 | 2 | 3 | 4  

1
assan bikorimana 2018-07-06 17:06:48

Nimurekekuvugameshi, ahobaryabagezehadukintambara.
Bafasha, abagwanyigihugu.
kandibobontiwibazengobaragwana.
bobazagukokeza, intambaragusa.
bataronse, ahobakokeza, intambara, akazikocagahera.

2
KUBWIMANA CYRIAQUE 2016-09-06 22:29:21

TWE ABOBAPOLICE 228 NTITWUMVA ICO BOBA BAJE KUDUFASHA KUMUTEKANO IWACU IBURUNDI NTIBATUZIREHO .

3
Miburo 2016-08-21 23:34:00

Babarungika Nkande?Tweturimaso.Baraza tuzobakira Nkabarwanyi Dutabara Mumakungu Igihugucacu Nicocotunanira Erega Ntabwenge Muturusha Barungike 20 haze Ibihumbi Mirongibiri Nyene Uwomukenyuro Twawize Kare Erega Twebwe Abarundi Ntiturananirwa Katantambara Ihari Mugihugucuburundi Nibagende Kwakagame Guhungura Ziryampunzi Ziriyo Natwe Tuzitabara Igihe Hazoba Harigwano

4
Gahanga 2016-07-30 20:09:32

uwutazi umuti awunyako.

5
neema so 2016-07-28 01:20:52

Nanje iconokwongerako kuri salva na tari nigiki catumye abarundi basanzara ntivyavuye kumutekano muke cane none rero abobasirikare nimubareke binjire kuko mweho ukwica niko muzi kandi ndababwire abo mwica bose bari imbere yanyu imana nigarukire abarundi kuko barageramiwe

6
Murungura . Jastin 2016-07-24 10:20:54

Ahumbwo Nibemere Izontekozize Amazi Atararenga Inkombe Nayahandi Bizobakomerana Kuko Bagombaguhisha Umwotsi Inzuyaramaze Gusha.

7
Ven Rodrick Hatungimana 2016-07-23 13:33:59

Mbega aho ubufaransa busabira uburundi inteko mvamakungu igitero giheruka gutikiramo abantu I Nice mubufaransa,natw abarundi duce tubusabira inteko mvamakungu kugira ntihagire umu faransa asubira gupha?nibareke kwiteranya kuburundi!

8
Ali Mussa 2016-07-23 11:50:17

Ewe Natwe Turikwije Umutekano Tuwufise Mu Biganza. Guhera Ku Mutumba Kugeza Kumurwa Mukuru. Abasoda Mvamakungu Ni Bagende Mu Bufaransa Mu Budage.Eka No Mu Burigi.

9
Samson James Elias 2016-07-21 09:37:26

Nahomwanka Muzofatwa Ariko Igifese Intangoniherezo Farao Azofatwa

10
Umurundi 2016-07-21 07:34:22

Iyo nimutwe yabazungu ariko ubu nabarundi baraciye ubwenge ntanteko mvamakungu zikenewe atarukuza guhungabanya umutekano wacu

Paji: 1 | 2 | 3 | 4  

Kumenyekanisha