Afrika y’Epfo: Hatowe ibisigarira vy’umuntu atari azwi

4 10-09-2015 - saa 17:30, IGIHE

Mu gihugu ca Afrika y’Epho hatowe igisigarira c’umuntu bikekwa ko yabaye ku mugabane wa Afrika haraheze imyaka imiliyoni zitatu.
Uwo muntu ari mu bwoko bwataziriwe Homo Naledi, yatowe mw’isenga ry’ibuye riri mu kibanza ndangakaranga k’ akahise gikingiwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho imico kama n’indero UNESCO, i Maropeng mu gisagara ca Johannesburg.
Abashakashatsi bo mu gihugu ca Afrika y’epfo batoye ibisigarira vy’uwo muntu atari azwi kugez’ubu, babisanze biri kumwe n’ibindi vy’ibiremwa 15 (...)

Mu gihugu ca Afrika y’Epho hatowe igisigarira c’umuntu bikekwa ko yabaye ku mugabane wa Afrika haraheze imyaka imiliyoni zitatu.

Uwo muntu ari mu bwoko bwataziriwe Homo Naledi, yatowe mw’isenga ry’ibuye riri mu kibanza ndangakaranga k’ akahise gikingiwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho imico kama n’indero UNESCO, i Maropeng mu gisagara ca Johannesburg.

Abashakashatsi bo mu gihugu ca Afrika y’epfo batoye ibisigarira vy’uwo muntu atari azwi kugez’ubu, babisanze biri kumwe n’ibindi vy’ibiremwa 15 vyo mu bwoko bwa hominides.
Abashakashatsi mpuzamakungu bazuye amagufa aboneka ko ari nk’ayo abantu 15 bo mu ngero zitandukanye kuva ku bana bato gushika ku bantu bakuze.

Nta magufa y’ibindi bikoko bahatoye, abashakashatsi bakaba biketse ko aho batoye ivyo bisigarira higeze kuba ikibanza co gushinguramwo abantu babaho muri ico gihe.

Ikiranga Homo Naledi ,nuko ubwonko bwayo ari buto bugereranijwe n’ubwo umuntu w’iki gihe canke Homo Sapiens.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

30222 1 2-04-2014
Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
NDIKURIYO PHILBERT 2017-05-20 07:30:05

IBITABO BIVUGAKO ISI IMAZE IMYAKA 6000 NONE IZOMIRIYONI ZIVAH? MURARABANEZA ABOBASHAKASHATSI.

2
Djaabil 2017-04-30 12:44:17

Nn ubwo bwoko bwoba buturukahe?

3
BUTOYI 2017-04-23 21:05:26

JEWE SINZA NIHUTA KWEMERA UBWO BWONKO NTIBUBORA ?

4
NSHIMIRIMANA TITE 2016-05-05 05:52:09

BANDANYA MUDUHA INKURU MURAKOZE

Kumenyekanisha