Abubakanye basabwa kwigizayo za ngendanwa kugira barangure amabanga yabubatse ata nkomanzi

3 27-03-2014 - saa 11:07, IGIHE

Abahinga mu vy’ingo n’uko zubatswe basanze itera mbere ry’ubuhinga bwa none riri mu bintu rimwe na rimwe ingo zisambuka. Ivyo bitumwa na za gendanwa canke imboneshakure n’ibindi bikunze guhagarika imibonano mpuzabitsina, bigatuma iryo banga ryabubatse ridaheza ngo rikorwe nk’uko ryategerezwa. Hari ho umunsi utegekanijwe wo kwigiza kure ivyo vyose, maze urukundo ruhabwe isaha imwe yikwije.
Ubuhinga bwa none bwazanye za gendanwa(Téléphones Mobiles) n’ibindi k’imboneshakure canke insamirizi(Poste (...)

Abahinga mu vy’ingo n’uko zubatswe basanze itera mbere ry’ubuhinga bwa none riri mu bintu rimwe na rimwe ingo zisambuka. Ivyo bitumwa na za gendanwa canke imboneshakure n’ibindi bikunze guhagarika imibonano mpuzabitsina, bigatuma iryo banga ryabubatse ridaheza ngo rikorwe nk’uko ryategerezwa. Hari ho umunsi utegekanijwe wo kwigiza kure ivyo vyose, maze urukundo ruhabwe isaha imwe yikwije.

Ubuhinga bwa none bwazanye za gendanwa(Téléphones Mobiles) n’ibindi k’imboneshakure canke insamirizi(Poste radio ou Télévision) bwatumye ingo zimwe zimwe zisambuka. Ivyo rero bitumwa n’uko mu gihe abubakanye bariko bagira imibonano mpuzabitsina haraho umwe muri bo baca bamuhamagara kuri ngendanwa, bakamurungikira ubutumwa(message), canke hakavuga ikintu gitangaje mu nsamirizi canke ku mboneshakure gituma umwe canke bose bakanguka. Bimaze kuba uko, wa mwanya wari wagenekewe ca gikorwa gikomeye hagati yabubakanye gica gihagarara kandi ku vy’ukuri batari bwaheze. Bose bajana akangonongo, bimaze kuba kenshi biteba bizana ingorane mu rugo.

Ku bw’ivyo, ishirahamwe WWF ryashizeho umugambi "Earth Hour" bisigura "isaha imwe mw’isi". Uwo mugambi usaba abubakanye gufata isaha imwe, bazimye za gendanwa, imboneshakure, insamirizi, n’amatara, hanyuma bahe umwanya ibanga ry’abubatse ata gishobora kubakoma. Ni kuvuga kwigizayo ico kintu cose gishobora ku babuza kurangura ayo mabanga ata nkomanzi.

Muri iyo saha izoba ihawe urukundo bise "Love Hour", umwanya wo kwoga ntawurimwo, kwoga ni kare. Abahinga bagize amatohoza bise "Harris Interactive" basanze abagore bagera ku bice 62% bo mu gihugu c’Ubwongereza baciriye hagati imibonano mpuzabitsina kubera za ngendanwa zabo.

Kuri uwo wa gatandatu w’igenekerezo rya 29, abubakanye bose bo kw’isi nzima basabwe ko kuva igihe c’isaha zibiri n’iminota mirongo itatu z’ijoro 20h 30 gushika igihe c’isaha zitatu n’iminota mirongo itatu 21h 30 (20h 30 a 21h 30) boha umwanya imibonano mpuzabitsina bisanzuye ata ngendanwa, ata mboneshakure, ata nsamirizi, eka ata n’amatara yaka, maze ayo mabanga akorwe neza atacamira.

Mwirabire aha munsi ingene za ngendanwa ari impambamyi ikomeye mu rukundo

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
Aimable 2016-06-29 03:47:30

Ego Ndavyumvise.None Umwanya Wogutegura Umugore Wongana Gute?Wobigenza Gute?

2
Ndayishimiye Prudence 2015-08-31 07:01:14

Muvyukuri Amaterefone Hamw Nibindi Bisashobora Gutuma Abubakanye Badakora Bihagije Amabanga Mpuza Bitsina.

3
Mutabazi hamad 2014-03-28 13:44:31

Icondabivugako nuko hageze ivyurukundo bozimwa icocose cotuma gitosekaza ico gikogwa

Kumenyekanisha