Abepiskopi ba Katorika basaba ko ibivugwa vy’ibirwanisho mu banyagihugu vyotohozwa

4 6-05-2015 - saa 12:55, IGIHE

Abungere ba Ekereziya Gatorika y’Uburundi basubiye gusohora itangazo, aho basaba abarundi kuyoboke amatora, ntituze tubure abaturongora baciye mu nzira z’amatora.
Muri iryo tangazo ryasomwe na musenyeri Gerevazi Banshimiyubusa inama nkuru y’abepiskopi Gatorika, avuga ko atawukunda igihugu yofata minenerwe ibiriko biraba, naho hari ababita abakeba iyo bakebuye. Musenyeri Banshimiyubusa asaba ko abarundi bose ko bakwitabira inzira z ‘amatora, nayo ibivurwa ko hari urwaruka rwoba rwarahawe (...)

Abungere ba Ekereziya Gatorika y’Uburundi basubiye gusohora itangazo, aho basaba abarundi kuyoboke amatora, ntituze tubure abaturongora baciye mu nzira z’amatora.

Muri iryo tangazo ryasomwe na musenyeri Gerevazi Banshimiyubusa inama nkuru y’abepiskopi Gatorika, avuga ko atawukunda igihugu yofata minenerwe ibiriko biraba, naho hari ababita abakeba iyo bakebuye. Musenyeri Banshimiyubusa asaba ko abarundi bose ko bakwitabira inzira z ‘amatora, nayo ibivurwa ko hari urwaruka rwoba rwarahawe ibirwanisho, bikurikiranwe, kandi bitohozwe, bavyakwe, amatora azobe atabwoba bw’ibirwanisho mu gihugu. Inama nkuru y’Abeskopi ikaba isaba ko abahunze bohumurizwa bagahunguka, kugira babandanye imirimo yabo.

Mwomenya ko inama nkuru y’abepiskopi Gatorika b’i Burundi, bari barasavye ko amasezerano y’i Arusha yokwubahirizwa co kimwe n’ibwirizwa nshingiro, mu ntumbero y’ukwubahiriza ibiringo bitegekeranirijwe umukuru w’igihugu.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
Manirambona François 2015-05-28 18:50:51

Ceni Iremeye Guherekeza Reta Mumatorabirebanga Buraca bugacanayandi.

2
bukeyeneza 2015-05-06 17:58:06

Nivyiza Pe!

3
Nuwera 2015-05-06 17:38:52

Ndababwirako irijambo ababesikopi bavuze ryubatse uburundi nkiyindimyaka amajanameshi, rindira murabeko irijambobavuze ryuko abahunze bohunguka Ko ukukwezi kwa 5 kudahera ibihumbinibihumbagiza vyarivyabaye birareba ahobiba birikinze kubera ibihuha mutababonera mumihanayabo!

4
jeanluc 2015-05-06 13:55:51

Abo Besikopi ba Catholic, ahubwo ntibari bakwiye no kuvuga kuko ivyabo vyaramenyekanye, ahubwo baramenje nka maconco. igihe Ndadaye na Cyprien bagandagurwa bunyamaswa ko mutigeze muvuga ikintu. Ahubwo Catholika yarikwiye kunuma ntinavuge. Nibo basibije isi

Kumenyekanisha