
Abungere ba Ekereziya Gatorika y’Uburundi basubiye gusohora itangazo, aho basaba abarundi kuyoboke amatora, ntituze tubure abaturongora baciye mu nzira z’amatora.
Muri iryo tangazo ryasomwe na musenyeri Gerevazi Banshimiyubusa inama nkuru y’abepiskopi Gatorika, avuga ko atawukunda igihugu yofata minenerwe ibiriko biraba, naho hari ababita abakeba iyo bakebuye. Musenyeri Banshimiyubusa asaba ko abarundi bose ko bakwitabira inzira z ‘amatora, nayo ibivurwa ko hari urwaruka rwoba rwarahawe (...)
Abungere ba Ekereziya Gatorika y’Uburundi basubiye gusohora itangazo, aho basaba abarundi kuyoboke amatora, ntituze tubure abaturongora baciye mu nzira z’amatora.
Muri iryo tangazo ryasomwe na musenyeri Gerevazi Banshimiyubusa inama nkuru y’abepiskopi Gatorika, avuga ko atawukunda igihugu yofata minenerwe ibiriko biraba, naho hari ababita abakeba iyo bakebuye. Musenyeri Banshimiyubusa asaba ko abarundi bose ko bakwitabira inzira z ‘amatora, nayo ibivurwa ko hari urwaruka rwoba rwarahawe ibirwanisho, bikurikiranwe, kandi bitohozwe, bavyakwe, amatora azobe atabwoba bw’ibirwanisho mu gihugu. Inama nkuru y’Abeskopi ikaba isaba ko abahunze bohumurizwa bagahunguka, kugira babandanye imirimo yabo.
Mwomenya ko inama nkuru y’abepiskopi Gatorika b’i Burundi, bari barasavye ko amasezerano y’i Arusha yokwubahirizwa co kimwe n’ibwirizwa nshingiro, mu ntumbero y’ukwubahiriza ibiringo bitegekeranirijwe umukuru w’igihugu.
Ceni Iremeye Guherekeza Reta Mumatorabirebanga Buraca bugacanayandi.
Nivyiza Pe!
Ndababwirako irijambo ababesikopi bavuze ryubatse uburundi nkiyindimyaka amajanameshi, rindira murabeko irijambobavuze ryuko abahunze bohunguka Ko ukukwezi kwa 5 kudahera ibihumbinibihumbagiza vyarivyabaye birareba ahobiba birikinze kubera ibihuha mutababonera mumihanayabo!
Abo Besikopi ba Catholic, ahubwo ntibari bakwiye no kuvuga kuko ivyabo vyaramenyekanye, ahubwo baramenje nka maconco. igihe Ndadaye na Cyprien bagandagurwa bunyamaswa ko mutigeze muvuga ikintu. Ahubwo Catholika yarikwiye kunuma ntinavuge. Nibo basibije isi