Abayoboke barenga igihumbi ba Zebiya Ngendakumana batanye mu mitwe n’igiporisi

12 2-01-2015 - saa 14:39, IGIHE

Amasasu yarumvikanye mu mutwenzi wo kuri uwu wa kane igenekerezo rya 1 Nzero 2015, akaba yari intureka zari zadutse hagati y’abayoboke barenga igihugu b’umwigeme Zebiya Ngendakumana, hamwe n’abaporisi bariko bashwiragiza abo bayoboke b’uwo mwigeme avuga ko abonekerwa na Bikira Mariya. 62 muri abo bayoboye barapfunzwe abandi bakaba bakomeretse hamwe n’abaporisi batandatu
Mu gihe bariko barataha bava mu kibanza c’i Businde, aho bari bagiye gusengera bahimbaza umwaka mushasha, nk’igihe c’isaha cumi (...)

Amasasu yarumvikanye mu mutwenzi wo kuri uwu wa kane igenekerezo rya 1 Nzero 2015, akaba yari intureka zari zadutse hagati y’abayoboke barenga igihugu b’umwigeme Zebiya Ngendakumana, hamwe n’abaporisi bariko bashwiragiza abo bayoboke b’uwo mwigeme avuga ko abonekerwa na Bikira Mariya. 62 muri abo bayoboye barapfunzwe abandi bakaba bakomeretse hamwe n’abaporisi batandatu

Mu gihe bariko barataha bava mu kibanza c’i Businde, aho bari bagiye gusengera bahimbaza umwaka mushasha, nk’igihe c’isaha cumi n’imwe z’agatondo, bageze ku mwonga ugabura Gatara na Gahombo, ku mutumba Nyagatobo uri i Businde, abayoboke bagera ku gihumbi b’umwigeme Zebiya Ngendakumana avuga ko abonekerwa na Bikira Mariya, baratanye mu mitwe n’abaporisi bashaka kubashwiragiza. Muri iyo mishamirano, abaporisi bararengewe n’ubwinshibw’abo bayoboke bari bamaze kwigarurira inkoho zitatu z’abaporisi, izo mpande zompi zica zirarasana umwanya utari muto. Abaporisi batandatu barahakomerekeye, hamwe n’abayoboke ba Zebiya Ngendakumana bataramenyekana igitigiri, ariko mukamenya ko izo nkoho zatswe abaporisi zashoboye kugarukanwa, bikavugwa ko hari n’izindi zo mu bwoko bwa Pistolet abo bayoboke bari bagiye bitwaje. Abo bakomeretse baciye bajanwa n’imiduga "Rusehabaniha" (ambulance) kuvurirwa mu bitaro bitandukanye, abagera kuri 62 nabo batabwa muri yompi. 60 bapfungiwe mw’ibohero rya Kayanza, babiri nabo bakaba bapfungiwe i Ngozi.

JPEG - 23.7 ko
Zebiya Ngendakumana avuga ko abonekerwa na Bikira Mariya

Abo bayoboke b’umwigeme Zebiya Ngendakumana bari baje bava mu ntara zitandukanye, bakaba bari bagizwe ku bwinshi n’abakiri bato, biboneka ko boba ari abanyeshure bo muri Kaminuza.

Tubibutse ko abajejwe umutekano ku rwego rwo hejuru bafashe ingingo ko ikibanza c’i Businde, umusozi Nyagatobo, komine Gahombo intara ya Kayanza, ari naco kibanza abayoboke ba Zebiya bahora baja gusengeramwo kuko bacita ceranda, gihinduwe bacitirira ikibanza abasirikare bazohora bakoreramwo imyimenyerezo. Abayoboke ba Zebiya baciye babuzwa gusubira kwegera ico kibanza, naho kwubahiriza iyo ngingo bisa n’ivyabananiye

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Paji: 1 | 2  

11
EGIDE MUNYENTWARI 2015-01-02 23:54:35

leta niyemere ashinge ishengeroyiwe ataraho abantu barahona

12
Nuwera 2015-01-02 20:53:52

Mugihugu ca Somalia abitwa uyumusi ivyihebe vyaba Al Shabab mbera ya 80s bari aba Islam beza bajana nabandibose mumisigiti gusenga nkuko mubona aba Islamu bongahamuburundi nomubindibihugu bimeze, arikomunyuma habonetsemwo bamwe bahitamwo kugendera kumategeko akomeye butumabamwe bavugati oya ivyovyogora aba Islam bacabaherangaho batanguragukora ivyabo nicogituma uyumusi bitwa ivyihebe bigendera kumategeko yak’Islamu akaze ububahangayikishije Isi yose. Twebwenatwe ngaha Burundi uyumusi turarose abakristu bagendera kumategeko yagikristu akaze ahobagezenaho bagenda bitwaje pistoura! Bagakubita bakanatasa polisi yigihugu bakararika!!!??? Abategetsi bigihugu bababwira bati ntimuzosubire kuzamwikikibanza ahokuvujbahiriza bagapangahubwo umupango wokurondera ama pistora (imbunda) zomwitevura guhanga nabajejwe umutekano? Jewe narinziko twebwe abakristu kizirakikaziririzwa kodushaka gukoresha inguvu zuyumubiri muguharanira kuzojamwubwami bwomw’Ijuru!? Iconsrinzi nuko mugusenga arivyoturonkeramwo inyishu!? Ndibuka Ko Yezu umwemubantubarikumwenawe yabonye abantu batanguye gusunanguza Yezu acakura inkota murwubati ubwonyene abaraciye ugutwi umwe murabobariko barasunanguza Yezu, ariko Yezu yavuze ngo rekaguhangana mbere acasubizako ugutwi kuwokwarikwaciweko. Bisiguriki? Bisigurako uwushaka kunezereza Imana canke ashaka kuzinjira mubwamibwayo ntiyigera ahangana nababantu bumubiri namaraso bakoresheje inguvu zuwumubiri, gusega nivyobifise inyishu nziza gusa kuruwowese yitwa Ko ashaka kunezera Imana yukuri imweyavugango tureme isini Juru bigacabibaho imweyavugango tureme umuntu mwishushoyacu atasenatwe.

Paji: 1 | 2  

Kumenyekanisha