
Amasasu yarumvikanye mu mutwenzi wo kuri uwu wa kane igenekerezo rya 1 Nzero 2015, akaba yari intureka zari zadutse hagati y’abayoboke barenga igihugu b’umwigeme Zebiya Ngendakumana, hamwe n’abaporisi bariko bashwiragiza abo bayoboke b’uwo mwigeme avuga ko abonekerwa na Bikira Mariya. 62 muri abo bayoboye barapfunzwe abandi bakaba bakomeretse hamwe n’abaporisi batandatu
Mu gihe bariko barataha bava mu kibanza c’i Businde, aho bari bagiye gusengera bahimbaza umwaka mushasha, nk’igihe c’isaha cumi (...)
Amasasu yarumvikanye mu mutwenzi wo kuri uwu wa kane igenekerezo rya 1 Nzero 2015, akaba yari intureka zari zadutse hagati y’abayoboke barenga igihugu b’umwigeme Zebiya Ngendakumana, hamwe n’abaporisi bariko bashwiragiza abo bayoboke b’uwo mwigeme avuga ko abonekerwa na Bikira Mariya. 62 muri abo bayoboye barapfunzwe abandi bakaba bakomeretse hamwe n’abaporisi batandatu
Mu gihe bariko barataha bava mu kibanza c’i Businde, aho bari bagiye gusengera bahimbaza umwaka mushasha, nk’igihe c’isaha cumi n’imwe z’agatondo, bageze ku mwonga ugabura Gatara na Gahombo, ku mutumba Nyagatobo uri i Businde, abayoboke bagera ku gihumbi b’umwigeme Zebiya Ngendakumana avuga ko abonekerwa na Bikira Mariya, baratanye mu mitwe n’abaporisi bashaka kubashwiragiza. Muri iyo mishamirano, abaporisi bararengewe n’ubwinshibw’abo bayoboke bari bamaze kwigarurira inkoho zitatu z’abaporisi, izo mpande zompi zica zirarasana umwanya utari muto. Abaporisi batandatu barahakomerekeye, hamwe n’abayoboke ba Zebiya Ngendakumana bataramenyekana igitigiri, ariko mukamenya ko izo nkoho zatswe abaporisi zashoboye kugarukanwa, bikavugwa ko hari n’izindi zo mu bwoko bwa Pistolet abo bayoboke bari bagiye bitwaje. Abo bakomeretse baciye bajanwa n’imiduga "Rusehabaniha" (ambulance) kuvurirwa mu bitaro bitandukanye, abagera kuri 62 nabo batabwa muri yompi. 60 bapfungiwe mw’ibohero rya Kayanza, babiri nabo bakaba bapfungiwe i Ngozi.
Abo bayoboke b’umwigeme Zebiya Ngendakumana bari baje bava mu ntara zitandukanye, bakaba bari bagizwe ku bwinshi n’abakiri bato, biboneka ko boba ari abanyeshure bo muri Kaminuza.
Tubibutse ko abajejwe umutekano ku rwego rwo hejuru bafashe ingingo ko ikibanza c’i Businde, umusozi Nyagatobo, komine Gahombo intara ya Kayanza, ari naco kibanza abayoboke ba Zebiya bahora baja gusengeramwo kuko bacita ceranda, gihinduwe bacitirira ikibanza abasirikare bazohora bakoreramwo imyimenyerezo. Abayoboke ba Zebiya baciye babuzwa gusubira kwegera ico kibanza, naho kwubahiriza iyo ngingo bisa n’ivyabananiye
Paji: 1 | 2
Non ntibomureka agakomeza gusengesha nimba asengesha m’ukuri buriya nimba Imana imwemera abo bamurwanya bazobona ibara.
NONE UMUKENYEZI ARAFISI UBURENGANZIRA BWOGUSHINGA ISENGERO?
Aha nashaka kubanza gushimira uwo mwigeme Zebiya ,yatumye haba ikanguka mubantu ,kuvyerekeye ukwemera .Eka nabamukurikira bari munzira Imana yabateguriye kugira baze bashobore gutahura ivyayo . Ico bomenya nuko Imana yonyene nsa , ariyo ishobora guhindura ubuzima bwacu,nkuko yahinduye ubwa Bikira-Maria akibaruka Yezu.Muvyo natohoje ndatahuzwa , mumigenzo y’’abantu umushumba canke umukozi wo munzu ,aca kuri inarugo ashaka gusaba ikintu serugo . Ivy’’Imana suko vyifashe . Murasenga Imana yonyene nsa muyikunde kurusha ibindi vyose.
Bana b’Imana , ntimufate uko ibintu bitari kubera mwunvise ngo vyanditswe muri Bibiliya,Amadini arakunda kwitwaza Bibiliya iyo ariko aravuka . Nico gituma mwohagabira kuko twese duhiga kumenya ingene twomenya , twoshobora kubona Imana ,gushika mubwami bwayo , duhiga ingene twosaba ikigorwe Imana ikadusubiza muri Paradizo. Nico gituma nobakebura mugatangura gusoma Bibiliya muhereye kuntango naho woba warayihejeje kuyisoma, hama wicishe bugufi , usabe Imana gutahura ivyahishijwe muri iyo Bibiliya , ikurungikire mutima mweranda kugira akurinde ntusubire inyuma mukwemera kwawe. Tega amatwi uwo wese aje afise ico avuga ku Mana ,nturindire gusa ngo Padili , Pastor , Sheh , Temoin de Jehovan nibo bashobora kuzana ubutumwa bw’’Imana gusa. Kuko Imana nuko ivugisha ivyo yaremye ,ntuze uyitege ukundi, kuko ubwami bwayo ntibuza,hamwe ushobora kuvuga ngo buteye hariya canke ngaha.Umaze gutegura umutima wawe mutima mweranda arakugendera ,ukabona gutahurirwa kubibazo vyose warufise kuri Bibiliya. Noshimako twoguma twigishanya ,umwe wese ivyo amaze guhishurirwa . Uwuvyifuza yokwandika kuri facebook ,kuwufise guhindura ibi vyanditswe mururimi rw’Ikirundi muzindi ndimi ,arashobora kubikora ,message yacu igashikira nabatumva Ikirundi naho Imana ifise abo yahaye ubwo butumwa bamwe bamwe mubihugu vyose.Ntimwibagireko dutegerezwa guhinduka mumitima yacu mukugira tuze dutahure ivy’’Imana yari yaraduteguriye igihe yaturema.
Ndakeneye intererano y’’ivyiyumviro vyanyu imbere yo kubandanya kuvuga , ibikenewe kugira duhinduke. Abemera baciye mumadini, amatagira amadini ,baratumiwe . Intererano zabo zirakenewe.
Reka nishure gato kuwabajije ivyahishijwe mubuzima bwokuba kuri iyi si.
Mwavyumvise kenshi mumashengero,mumisigiti,muvyanditswe,kubazanye ubutumwa kumunwa; kwata ku jugeant (ne juger point),ntimugace imanza mais biragoye ngaha kwisi kubera imigenzo yabantu bigize incabwenge yogutandukanya ikibi niciza.Bitwaza ngo vyanditswe muri Bibiliya, nashaka gukebura aha abifuza kumenya , iyo wumvise inkuru ,ntukayijuger ngo nimbi canke ninziza ,rindira ikivamwo hama ufate neza ikizovamwo cose.Iyo niyo ngendo dukwiye gufata,niho tuzoba twaratahuye igicumuro cinyanduruko. Guhiga kuba nk’Imana(kumenya ikibi n’iciza),ico nico catumye duhanwa.
Imana imaze kutuvuma urazi ivyakurikiye , ubuzima bwo ngaha kwisi.Nzoza ndababwira mpereye ingene vyatanguye naho biteye ubu ,kuko abantu benshi baraciruka inyuma yivyanditswe muri Bibiliya bibazako vyose ari ibizobashikana kumana .Bataramenya gutandukanya Umuvumo n’’Umugisha , twebwe rero ngaha kwisi twacaguye kw’’ibera mumuvumo kukutamenya ,kubera imigenzo yabakera yatuzingamitse kubera benshi batatahura.
Reka ngeze aha uno munsi nzobandanya hanyuma ikibazo cawe.
Kumenya ibimenyetso vy’ibihe birakomeye bane b’Imana nico Bibiliya itwiganira.Abantu barakunda kwitwaza Bibiliya nkikirwanisho ,nguyemera ,uyigendana ngo ntagicumuro urwamwo, nta shetani mushobora guhura ngo kuko ari igitabo c’Imana.
Bibiliya.Mais aha urakeneye kumenya ico Yezu yaje gukora aha kwisi neza .Mumajambo make, Yezu ntaco yaje guhindura kuvyo Imana yari yaduteguriye ikiturema ,kandi ntiyaje guhindura imitima yabadashaka ,kandi nkuko yongeyeko ,ntiyazanye amahoro kw’isi , yazanye inkota (ijambo ryiwe) rizotuma imiryango icanamwo,aho abo munzu bacanamwo ,umugore agacanamwo,numugabo wiwe , agacanamwo n’’umukobwa wiwe,se agacanamwo n’’umuhungu wiwe. Aha sinzi ko wumva ico yashatse kuvuga ?
Imana iradukunda nico gituma iguma igerageza ingene twotahura, tugahinduka , tugasaba ikigorwe ,ikadusubiza muri Pardizo. Nico gituma imaze kuduhana c.a.d guhana abo dukomokako Adam
Vyoba Vyiza Zebiya Asavye Aggréement Ministr De L Interrier Akagra Idini Rwiwe.Nimba Nyene Amategeko Y’ Imana Avyemera.
Zebiya Nahindure Ingendo.
Zebiya Asom Bible 1corinthiens11,32,1timothée2:6 Atahure Ko Atanarimw Imana Yacu Yemerera Umugor Ko Aba Umurongozi Wishengro.Seulement Ari Gukina Inkinamico.Abayobok Biw Nabo Bariko Barorera.Mais Imana Ivyo Yavuz Ko Bitey Isoni K’umugore Avuga Mw’ishengero Ryabera 1corintiens11:32-etc.Iryo Rwiw Se Niryabasa Bate?
mbega zebiya abobantu numva ushwangamura bakazabazanye inkoho nivyo? ikindi nguhanura ibusinde hahebe kuko simwijuru ugwanira yesu yavuze at siyeruslemu gusa mugihe yavugana numunyesamariya untunge nkubwira ivya yesu nawe ar maria mugabo nyamba watahuye nabi yesu kristo niwe yiyerekana nintumwa haza yesu nipatimo yaruwo kristo yew zebiya weeeeeee nyereka muri bible aho maria yigize kwiyereka numwe canke munjili ntarindi zina rikora ibitangaza atari kristo yesu firip2:9-10ivyak4:12
none kayemwe igiporisi kibibabaye kw’iki?nabonyene abaporisi barahendwa kandi cane.ntibovyihoza bo nibabona barushe bazoruhuka’kandi uwuza gusiga ura murindira.
nibabarek bisenger ...yaco bababuza kwemera ivyo bashak
mbe zebiya nyamba watumwe nuwusumbya ubushobozi bose niwumugwanirira canke niwe yokwigwanirira icokibanza uguma ukoberezako nyamba bikenewe n IMANA izogikuramwo abobasoda kuko ibarusha inguvu ubu gawamukobwa we usenze utari ibusinde ntiyokumva? iconzi nuko irihose
Paji: 1 | 2