Abategetsi batanguye kwambara impuzu y’igiti: Amafoto

4 22-11-2014 - saa 11:15, IGIHE

Impuzu y’igiti yahora ikorwa ikanambwarwa n’abasogokuru iriko iranagurwa, abategetsi bamwe bamwe batanguye kuyambaye. Ico gikorwa co kugarukira akaranga gikezwa umwigeme Kabatesi Anick.
Umuzo w’abakoroni mu Burundi warahungabanije ibintu ndangakaranga kama k’Uburundi. Muri ivyo harimwo impuzu y’igiti yakorwa mu biti vy’umumanda, umuhororo n’umuvuvumu. Inyuma y’imyaka myinshi iyo mpuzu yaribagiwe, yasubiye kunagurwa. Inagurwa ry’impuzu y’igiti ryatangujwe n’umwigeme Anick KABATESI, kandi iyo mpuzu (...)

Impuzu y’igiti yahora ikorwa ikanambwarwa n’abasogokuru iriko iranagurwa, abategetsi bamwe bamwe batanguye kuyambaye. Ico gikorwa co kugarukira akaranga gikezwa umwigeme Kabatesi Anick.

JPEG - 72.7 ko
Umushikiranganji Adolphe Rukenkanya

Umuzo w’abakoroni mu Burundi warahungabanije ibintu ndangakaranga kama k’Uburundi. Muri ivyo harimwo impuzu y’igiti yakorwa mu biti vy’umumanda, umuhororo n’umuvuvumu. Inyuma y’imyaka myinshi iyo mpuzu yaribagiwe, yasubiye kunagurwa. Inagurwa ry’impuzu y’igiti ryatangujwe n’umwigeme Anick KABATESI, kandi iyo mpuzu iratanguye kubonekamwo akamaro cane cane mu maso y’amakungu.

JPEG - 23.3 ko
Anick Kabatesi "Murundikazi"

Adolphe Rukenkanya aramutswa ubushikiranganji bw’urwaruka inkino n’imicokama yari yambaye ikoti ikozwe mu giti igihe yashikiriza ibendera ry’igihugu umurwi nserukiragihugu w’abatimbo. Uwo murwi ugizwe n’abatimbo 14 hamwe n’abakobwa 7 batamba. Uwo mushikiranganji yajanye n’uwo murwi aho bari bitavye ibirori vyo kwandikisha ingoma z’Uburundi ku rutonde mpuzamakungu rw’iragi kama, nk’uko vyasabwe n’ishirahamwe UNESCO. Nta kindi gihugu co kw’isi kizosubira kwitirirwa ingoma atari Uburundi.

Kubona umushikiranganji Adolphe Rukenkanya yambaye iyo mpuzu y’igiti, vyerekana ko izo mpuzu zifise ico zisigura mu maso y’amakungu narirya yari yitavye ibirori bijanye n’ivyakaranga kama k’ibihugu.

Ayandi mafoto:

JPEG - 23.3 ko
Anick Kabatesi "Murundikazi"

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
bimenyimana aron 2015-08-03 12:05:18

ndabakeje cane kuvyukuri murashoboye jewe sinarinzi ko murundi bwacu harabahinga bashobora guhingura impuzu zigiti hamwe vrt bahingura na costume zibabereye ngwiki!oya nukuri wohora uraraba .!

2
NIYONSABA Joseph-Clovis 2015-06-25 15:03:31

Biraryoshe cane. Ni uko kuyironka bitoroshe nokeye iya mariage.

3
NDEREYIMANA Modeste 2014-11-22 21:38:00

Imana imuje imbere,ntanze umuhamagaro wo kuzo mufasha mu karere ku bumanuko mukumuronderera ibiti izo muzu zivamwo.

4
NDEREYIMANA Modeste 2014-11-22 21:32:32

Nibisanzwe!uwo mwigeme nuko yaronse abamuterera imitwe,nafashe abandi barundi bazi gukora utundi tugenegene twa ba sokuru bamenyekane turabe!ark ntavyo nibaza,niyo makenga yanje.

Kumenyekanisha