
Impuzu y’igiti yahora ikorwa ikanambwarwa n’abasogokuru iriko iranagurwa, abategetsi bamwe bamwe batanguye kuyambaye. Ico gikorwa co kugarukira akaranga gikezwa umwigeme Kabatesi Anick.
Umuzo w’abakoroni mu Burundi warahungabanije ibintu ndangakaranga kama k’Uburundi. Muri ivyo harimwo impuzu y’igiti yakorwa mu biti vy’umumanda, umuhororo n’umuvuvumu. Inyuma y’imyaka myinshi iyo mpuzu yaribagiwe, yasubiye kunagurwa. Inagurwa ry’impuzu y’igiti ryatangujwe n’umwigeme Anick KABATESI, kandi iyo mpuzu (...)
Impuzu y’igiti yahora ikorwa ikanambwarwa n’abasogokuru iriko iranagurwa, abategetsi bamwe bamwe batanguye kuyambaye. Ico gikorwa co kugarukira akaranga gikezwa umwigeme Kabatesi Anick.
Umuzo w’abakoroni mu Burundi warahungabanije ibintu ndangakaranga kama k’Uburundi. Muri ivyo harimwo impuzu y’igiti yakorwa mu biti vy’umumanda, umuhororo n’umuvuvumu. Inyuma y’imyaka myinshi iyo mpuzu yaribagiwe, yasubiye kunagurwa. Inagurwa ry’impuzu y’igiti ryatangujwe n’umwigeme Anick KABATESI, kandi iyo mpuzu iratanguye kubonekamwo akamaro cane cane mu maso y’amakungu.
Adolphe Rukenkanya aramutswa ubushikiranganji bw’urwaruka inkino n’imicokama yari yambaye ikoti ikozwe mu giti igihe yashikiriza ibendera ry’igihugu umurwi nserukiragihugu w’abatimbo. Uwo murwi ugizwe n’abatimbo 14 hamwe n’abakobwa 7 batamba. Uwo mushikiranganji yajanye n’uwo murwi aho bari bitavye ibirori vyo kwandikisha ingoma z’Uburundi ku rutonde mpuzamakungu rw’iragi kama, nk’uko vyasabwe n’ishirahamwe UNESCO. Nta kindi gihugu co kw’isi kizosubira kwitirirwa ingoma atari Uburundi.
Kubona umushikiranganji Adolphe Rukenkanya yambaye iyo mpuzu y’igiti, vyerekana ko izo mpuzu zifise ico zisigura mu maso y’amakungu narirya yari yitavye ibirori bijanye n’ivyakaranga kama k’ibihugu.
Ayandi mafoto:
ndabakeje cane kuvyukuri murashoboye jewe sinarinzi ko murundi bwacu harabahinga bashobora guhingura impuzu zigiti hamwe vrt bahingura na costume zibabereye ngwiki!oya nukuri wohora uraraba .!
Biraryoshe cane. Ni uko kuyironka bitoroshe nokeye iya mariage.
Imana imuje imbere,ntanze umuhamagaro wo kuzo mufasha mu karere ku bumanuko mukumuronderera ibiti izo muzu zivamwo.
Nibisanzwe!uwo mwigeme nuko yaronse abamuterera imitwe,nafashe abandi barundi bazi gukora utundi tugenegene twa ba sokuru bamenyekane turabe!ark ntavyo nibaza,niyo makenga yanje.