Abarundi basabwa gufasha mu gukingira igisenge gikingira izuba

0 16-09-2014 - saa 09:27, IGIHE

Umunsi mpuzamakungu wahariwe gukingira igisenge gikingira abantu imishwarara y’izuba ushitse mu gihe ico gisenge kibangamiwe na bimwe mu vyuka biva mu mahinguriro.
Umushikiranganji w’ibidukikije Jean Claude Nduwayo avuga ko atera akamo abantu bose gukingira igisenge gikingira izuba. Avuga ko abarundi baguma bahabwa inyigisho mu gukingira ibidukikije, ivyo navyo bigafasha ico gisenge kidahungabana, no kurwanya ivyo vyose bihungabanya ibidukikije. Uwo mushikiranganji akavuga ko umwizero (...)

Umunsi mpuzamakungu wahariwe gukingira igisenge gikingira abantu imishwarara y’izuba ushitse mu gihe ico gisenge kibangamiwe na bimwe mu vyuka biva mu mahinguriro.

Umushikiranganji w’ibidukikije Jean Claude Nduwayo avuga ko atera akamo abantu bose gukingira igisenge gikingira izuba. Avuga ko abarundi baguma bahabwa inyigisho mu gukingira ibidukikije, ivyo navyo bigafasha ico gisenge kidahungabana, no kurwanya ivyo vyose bihungabanya ibidukikije. Uwo mushikiranganji akavuga ko umwizero umaze kuboneka uravye ibikorwa biriko birarangurwa ko ico gisenge kiriko kiramera neza, ndetse akavuga ko mu mwaka w’ 2050, ico gisenge gishobora kuzoba casubiye kumera neza nk’uko cari mu myka ya 1980.

Mukamenya ko uwo munsi mpuzamakungu wama uhimbazwa uko umwaka utashe, igenekerezo rya 16 Nyakanga. Mu Burundi, ibikorwa vy’uwo munsi bikaba vyateguwe n’ubushikiranganji bw’ugukingira ibidukikije.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!  

Kumenyekanisha