Abarundi baba Ottawa, Washington, Bruxelles, Aarhus mu myiyerekano

33 25-05-2015 - saa 12:56, Jean De Dieu

Abarundi baba mu bisagara vya Ottawa, Washington, Bruxelles, Aarhus , Geneve, Paris, Cape Town nabo bagize imyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza
Mu gisagara ca Otawa, abantu bagera kuri 250 nibo bitavye iyo myiyerekano, aho bari bafise amabendera y’Uburundi, n’inyandiko zisaba umukuru w’igihugu kutitoza ubugira gatatu. Muri iyo myiyerekano, abarundi baba mu bisagara vya Montreal, Toronto na Ottawa, bakaba baciye begeranya agaseke, ko gushigikira abari mu (...)

Abarundi baba mu bisagara vya Ottawa, Washington, Bruxelles, Aarhus , Geneve, Paris, Cape Town nabo bagize imyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza

Mu gisagara ca Otawa, abantu bagera kuri 250 nibo bitavye iyo myiyerekano, aho bari bafise amabendera y’Uburundi, n’inyandiko zisaba umukuru w’igihugu kutitoza ubugira gatatu. Muri iyo myiyerekano, abarundi baba mu bisagara vya Montreal, Toronto na Ottawa, bakaba baciye begeranya agaseke, ko gushigikira abari mu myiyerekano, co kimwe na bamwe bari mu bitaro n’amabohero, kubera ukwiyamiriza ikiringo ca gatatu.

Eka no mu gihugu c’Ububirigi, abari bitavye iyo myiyerekano, bakaba bari isinzi. Abo nabo, bari kumwe na bamwe mu bashingamateka bo muri ico gihugu gisanzwe kiri mu bifasha rwose Uburundi. Abashingamateka nka Isabelle Durant (Ecolo), Nadia El Yousfi na Stéphane Crusnière bariko bifatikanya n’abarundi mu myiyerekano.


Muri ico gihugu abari mu myiyerekano, bakaba basavye ko ihohoterwa rikorerwa kiremwa muntu mu myiyerekano vyohagarara vuba bwango, abantu bagakora imyiyerekano nk’uko babirekurirwa n’amategeko.

Abari muri iyo myiyerekano basavye nabo nyene, Petero Nkurunziza guheba ico kiringo kindi, kandi baca basaba ibindi bihugu vya Buraya gufataira ku karorero k’Ububirigi, mu kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza.

Latif Rukara umwe mu bateguye imyiyerekano i Buraya, yavuze ko ibintu bitera vyunyuka mu Burundi, kandi ko haguma hibonekeza iterabwoba rikorerwa abariko biyamiriza ikiringo ca gatatu. Abagize imyiyerekano muri ivyo bihugu kandi bakaba batibagiye gusaba ko ubwigenge bwo gushikiriza amakuru n’ivyiyumviro bwokubahirizwa mu gihugu cabo c’amavukiro.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Paji: 1 | 2 | 3 | 4  

1
J Bosco 2015-05-29 15:17:10

None hiyo ko mudaturira,ngomuzibire,amabarabara,nibindi...

2
nahimana odette 2015-05-29 14:07:46

Uwo wese akiri muvyiyunviro vy’amoko afise ivyiyunviro vyaboze kandi bigashe, kuri terrain siko bikimeze twarahishikiye, aworaba abarundi bagowe ayikivunvu canke abapfa ntiwomenya ko hari umutegetsi ari ku ntwaro basangiye ubwoko. Hinduka mwena mama ariko arabikora. Oppostion tubona na societe civile, birimwo amoko yose, abinywamaraso birimwo ubwoko bwose,amadini yose, intara zose, kandi uwokwitirira ibibi biriko birakorwa ubwoko yoba abututse kandi aburenganganije eka nawe yoba yisuwuguje.

3
karingi 2015-05-28 14:29:50

Birashoka bakaba harimwo abadafite akazi canke hakabamwo abagafite ariko bari Off bashatse kuba barata umwanya nkuko bari kuja ahandihantu, ubundi barikurondera utwobikorera aho guta umwanya Ngo bagiye mumabarabara

4
mbebe 2015-05-28 08:26:25

Erega bucumi ari muri babahutu bipfamutima bitiyizi mwibuke uwitwa Ngeze Francois na Twagiramungu Faustin ayo bakoreye abahutu

5
Tubemeze 2015-05-27 21:09:47

Tuzomutora mwenye wivu Ajinyonge

6
2015-05-27 11:11:16

havya

7
Rutembere 2015-05-26 22:48:29

Nimukomere mukwama mutwibuka .Muri Abarundi b’Umutgma.Kuko mwebwe muri i Buraya mwatumye Belgique igira ico ikora kuko Nkurumbi ntiyumva ,ariko azobona ingaruka mbi bizotera igihugu.Hama Belgique ibwire UE ifunge nayo imfashanyo yahora itanga ,turabe ko EAC izomufasha .

8
Ndayishimiye 2015-05-26 22:28:13

Ndakeje Abarundi bumutima bifatikanije nabene wabo. Nibashishikare berekanako abarundi tudakeneye 3èm mandat ya Nkurunziza.Turabashimiye kugafashanyo bariko batanga kubari muri manifestations kuko ningirakamaro isumba yayindi yatanzwe ngo niyo gufasha abari baburiye ibintu vyayo mw ’isoko nkuru ya Bujumbura tutabonye iyo yagiye.
#StopNkurunziza
#Sindumuja

9
muhima 2015-05-26 17:52:04

ayomahera muriko mutororekanya arikugera ngaha bakayagura urumogi bateka munjya zabari muri manifestation,hari naho bari kuyagura uburozi batekana n’injya bagaha urworwaruka kugira ntiruzoronke ibibondo babiha canecane abo muri FNL ya Rwasa. mubitohoze neza bimaze iminsi biba ngaha mugisagara.

10
Irambona 2015-05-26 17:33:01

Ico Nsaba Nuko Tworonka Amahoro Umukuru Wigihugu Akumva Amarira Namaganya Namaraso Ariko Arasese Mugihugu Samazi Namagara Kandi Atanumwe Yusubiza Ubuzima Bwumuntu Na Nareke Kwitoza Uburundi Buve Muga Yibukeko Ingwano Idacagura Kandi Isambura Itubaka.

Paji: 1 | 2 | 3 | 4  

Kumenyekanisha