
Abarundi baba i Doubai basaba benewabo baba i Burundi kutaryana kubera amatora, kuko ivyo bihe bihera ariko abarundi bagasigarana mu butandukane bwabo.
Ivyo uwurongoye ishirahamwe ry’abo barundi Gahire Eddy Kevin akaba yabibariye ikinyamakuru IGIHE.bi mu kiganiro yatanze. Gahire Eddy Kevin akaba avuga ko abarundi bokwitwararika na ntaryo ubumwe bwabo n’umutekano, tutibagiye iterambere ry’igihugu, kuko ariko kazoza ku Burundi bw’ejo. Avuga ko amatora aza agahera, hakaza n’ayandi, ariko igihugu (...)
Abarundi baba i Doubai basaba benewabo baba i Burundi kutaryana kubera amatora, kuko ivyo bihe bihera ariko abarundi bagasigarana mu butandukane bwabo.
Ivyo uwurongoye ishirahamwe ry’abo barundi Gahire Eddy Kevin akaba yabibariye ikinyamakuru IGIHE.bi mu kiganiro yatanze. Gahire Eddy Kevin akaba avuga ko abarundi bokwitwararika na ntaryo ubumwe bwabo n’umutekano, tutibagiye iterambere ry’igihugu, kuko ariko kazoza ku Burundi bw’ejo. Avuga ko amatora aza agahera, hakaza n’ayandi, ariko igihugu n’abarundi bamaho, babana gushika imyaka yose.
Asaba na cane cane abanyeporitike, abari mu mashirahamwe ataho yegamiye mu vya poritike hamwe na Reta kwitwararika ico cose giteza imbere abarundi mu gushira hamwe no mu kurwanya ubukene kuruta ivyoza bibasamaza canke bibatandukanya, bakarabira akarorero ku bihugu biteye imbere ingene vyashoboye gushika kuri iyo ntambwe, hamwe n’ivyatabaguritse kubera indyane ataho zifatiye.
Uwo arongoye iryo shirahamwe akaba yari amaze igihe mu Burundi aho avuga ko yari yaje kwifadikanya n’abandi mu guhimaza umwaka mushasha, ndetse akaba yaboneyeho akaryo ko kwifatikanya n’abandi baba i Ngozi mu bikorwa bitandukanye vy’iterambere. Inyuma y’aho, umurwi w’abarundi bari baje bava i Doubai bakaba baciye bakina inkino z’umupira w ‘amaguru, aho ku bibuga bitandukanye yaba ivy’i Bujumbura, Ngozi no mu Rwanda bagiye barakina inkino zitandukanye n’abarundi batandukanye canke abanyamahanga. Avuga ko banahuye n’umurwi Alleluya FC ukinamwo umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza.
Mwomenya ko iryo shirahamwe ry’abarundi baba i Doubai rimaze gufasha mu bitari bike, aha tukibutsa agaseke bahaye abarundi bari bahuye n’imvura y’isegenya mu Buraruko bw’igisagara ca Bujumbura yo mu kwezi kwa Ruhuhuma umwaka w’2014.
Murakoze cane imana ibahe kuramba mwese harakabaho uburundi nabarundi
Mwebwe turabemera kanditubashimira kurivyovyose muduhanuye harimwo nogukomeza gufatana munda ivyonavyo nivyobisigaye bituranga ngaha mu Burundi nkakarorero iyowaba urihafi ngowirebere muntambara ziherutse Cibitoke ngurabe ukuntu umusirikare canke umu polisi bi Burundi ukuntubacanacanako kugira bakingire umuhutu, umututsi, numutwa, nuwowese asanzwaba mu Burundi warikubonako twamaze guterimbere cane kubijanye nubumwe nyakuri.