Abanyagihugu bo mu Gatunguru barashima imfashanyo bahawe na ECONET

0 18-06-2014 - saa 09:48, IGIHE

Ishirahamwe ryo gutumatumanako amakuru ECONET ryaratanze kuri uwu kabiri imfashanyo y’amatara ngira kamaro ku banyagihugu bo mu Gatunguru, mu ntumbero yo gufatana mu nda no gushigikirana. Abo banyagihugu basabwe kubungabunga iyo ngabire.
Ku muhingamo wo kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 17 Ruheshi 2014, amatara angana 500, afise agaciro k’imiriyoni 74 z’amarundi yatanzwe n’ishirahamwe ECONET ku banyagihugu bacitse kw’icumu muri ya mvura yica ibintu n’abantu mu Gatunguru. Iryo tara rikoreshwa (...)

Ishirahamwe ryo gutumatumanako amakuru ECONET ryaratanze kuri uwu kabiri imfashanyo y’amatara ngira kamaro ku banyagihugu bo mu Gatunguru, mu ntumbero yo gufatana mu nda no gushigikirana. Abo banyagihugu basabwe kubungabunga iyo ngabire.

Ku muhingamo wo kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 17 Ruheshi 2014, amatara angana 500, afise agaciro k’imiriyoni 74 z’amarundi yatanzwe n’ishirahamwe ECONET ku banyagihugu bacitse kw’icumu muri ya mvura yica ibintu n’abantu mu Gatunguru. Iryo tara rikoreshwa n’imishwarara y’izuba, rifise akamaro ntangere. Iruhande yo kubonesha amasaha ashika kuri 20, ririmwo iradiyo, kandi ririnjiza umucanwa muri za ngendanwa.

Nk’uko bivugwa na Nahimana Jonathan ajejwe ibibazo vy’ubutungane muri ECONET, ayo matara yatanzwe mu ntumbero yo gufasha muvy’imibano nk’uko biri mu migambi y’ishirahamwe ECONET. Jonathan ati :" Umuntu atanga ico afise, aya matara dutanze afise akamaro ntangere kandi aranazimvye, dusaba abo bayaronkejwe kuyafata neza, ntituze tuyasange kw’isoko aho bukera."

Ibirori vyo gutanga iyo mfashanyo vyari vyitabwe na bamwe mu barongozi ba ECONET hamwe n’abandi bategetsi batandukanye. Abo bose barashimiye iryo shirahamwe ku mutima wo gufashanya ryerekana kuko nta shirahamwe na rimwe muyo gutumatumanako amakuru ryari bwabarengukeko. Abo banyagihugu bahawe iyo ngabire barashimye ku giti cabo. Ivyo vyaboneketse mu gutambira abo bashitsi bari babagendeye.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!  

Kumenyekanisha