Abanyagihugu basabwa kwijukira gutera ibiti vyinshi

0 8-06-2013 - saa 00:41, IGIHE

Umushikiranganji w’ibidukikije arakenguruka ibikorwa vyaranguwe n’ubushikiranganji bw’ibidukijije mu kiringo c’amazi atandatu twarangije.
Epimaque Murengerantwari, umunyamabanga ntayegayezwa muri ubwo bushikiranganji amenyesha ko imigambi yaranguwe ari iyo gukenguruka. Ku kibazo c’amazi arenga inkombe akonona amabarabara rimwe na rimwe n’amazu akabomoka, mu bushikiranganji bw’ibidukikije bamenyesha ko bafashe mu minwe ico kibazo, ko bariko barakora ibishoboka naho bahora bahura n’ikibazo c’uburyo (...)

Umushikiranganji w’ibidukikije arakenguruka ibikorwa vyaranguwe n’ubushikiranganji bw’ibidukijije mu kiringo c’amazi atandatu twarangije.

Epimaque Murengerantwari, umunyamabanga ntayegayezwa muri ubwo bushikiranganji amenyesha ko imigambi yaranguwe ari iyo gukenguruka. Ku kibazo c’amazi arenga inkombe akonona amabarabara rimwe na rimwe n’amazu akabomoka, mu bushikiranganji bw’ibidukikije bamenyesha ko bafashe mu minwe ico kibazo, ko bariko barakora ibishoboka naho bahora bahura n’ikibazo c’uburyo kuko mu gikorwa nk’ico hakenerwa bwinshi.

Epimaque Murengerantwari arangiza asaba abanyagihugu kwijukira gutera ibiti vyinshi kuko bibangamiwe n’ababica bashaka kubicanamwo amakara.

Twobibutsa ko muri ubwo bushikiranganji bamenyesheje ivyo mu gihe mu Burundi twahora mu ndwi yahariwe ibidukikije, aho ibikorwa bitandukanye vyatunganijwe muri ico gisata.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!  

Kumenyekanisha