Abantu 2500 nibo bamaze kwicwa na Malaria mu mezi umunani y’umwaka w’2016

9 2-09-2016 - saa 10:13, Egide NDUWIMANA

Ibiharuro vyo mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu vyerekana ko ingwara ya Malaria mu Burundi ariyo yica abantu benshi kuruta izindi ngwara zose, iyo ngwara ikaba yiyongereye mu mwaka uheze hagati y’ukwezi kwa kane n’ukwezi kwa gatanu, hamwe no hagati y’ukwezi kwa cumi na rimwe n’ukwa cumi na kabiri. Ivyo biharuro bivuga ko Malaria imaza kwica abantu barenga 2500, kuva mu ntango z’umwaka w’2016.
Mu kiganiro umuvugizi w’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu yahaye abamenyeshamakuru kuri uwu kane, (...)

Ibiharuro vyo mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu vyerekana ko ingwara ya Malaria mu Burundi ariyo yica abantu benshi kuruta izindi ngwara zose, iyo ngwara ikaba yiyongereye mu mwaka uheze hagati y’ukwezi kwa kane n’ukwezi kwa gatanu, hamwe no hagati y’ukwezi kwa cumi na rimwe n’ukwa cumi na kabiri. Ivyo biharuro bivuga ko Malaria imaza kwica abantu barenga 2500, kuva mu ntango z’umwaka w’2016.

Mu kiganiro umuvugizi w’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu yahaye abamenyeshamakuru kuri uwu kane, yamenyesheje ko muri ivyo biharuro vy’abahitanwe na Malaria muri uwu mwaka w’2016, biboneka ko abantu barenga 10 ku munsi aribo bicwa n’iyo ngwara.

Muganga Thadée NDIKUMANA, umuvugizi w’ubwo bushikiranganji yamenyesheje ko urugero rw’ivyo biharuro ruri hejuru cane agereranije no mu mwaka uheze, kuko ibitigiri vy’uno mwaka ku mezi umunani gusa bingana n’ivy’umwaka wose w’2015.

JPEG - 104.5 ko
Muganga Thadée NDIKUMANA (hagati), umuvugizi w’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu

Ubwo bushikiranganji buvuga ko kuva mu ntango z’umwaka w’2016, abantu barenga imiriyoni zine aribo bafashwe n’indwara ya Malaria, ni ukuvuga hafi ibice 40 kw’ijana vy’Abarundi bose.

Muganga Thadée NDIKUMANA asaba abanyagihugu kwikingira hamwe n’ukwivuza hakiri kare iyo bibonyeko ibimenyetso vy’iyo ngwara. Mu gihe ubushikiranganji bw’amagara y’abantu buvuga ko Malaria yiyongereye mu mwaka uheze hagati y’ukwezi kwa cumi na rimwe n’ukwa cumi na kabiri, ico kiringo naco kikaba cimirije, ubwo bushikiranganji bumenyesha ko butegekanya gutunganya isekeza ryo gupompa mu ngo imiti yica imibu, hamwe n’ugutanga imisegera irimwo imiti yica imibu.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
Dusabe J.Jules 2017-06-07 21:24:20

nanje Nzogeragez, Kugira Tubashumbushe

2
bashomba juliade 2017-04-24 22:08:07

jewe nsab’akazi . ntakindi mbabaye ndi umuforoma mfise diplôme A2 nt’akazi mfise mbayeho nabi cane . nvuka muntara ya cibitoke commune murwi . nyabuna mundonse akazi mwoba muntabaye . dossier noca ndayizana niruka tél 25769526152

3
Musaga 2016-09-08 14:52:29

Erega twisamburiyeko nk’impene nkatwe turi hafi n’akanyaru iyo batatubuza kuja mu Rwanda ntitwopfuye urwo dupfuye,DD saba ikigongwe u Rwanda,si non turaheze twicwa n’inzara na choléra

4
CLAUDE 2016-09-08 08:42:49

NUKUR4 TWIHWEJ NEZ IVYO BINTU TURABONA KO ABANT TUGIY GUHER KUBWIVYO RER ICOMBON NUK IMANA YOGARUKIR ABAYO KWEL OK MURAKOZ

5
Mob 2016-09-05 09:36:51

Ambuka akanyaru tubahe imiti hano ntandwara zihaba ubwo abantu batuye muri plaine imbo ntibashize?kumoso

6
Musaga 2016-09-04 18:48:24

Iyi Malaria iri mu Burundi none ntiyoba yarazanwwe n’Abanyarwanda?Nyabenda Pascal na Gélase ko bibagiwe kubivuga?hhaahhh

7
Claude Ndacayisaba 2016-09-04 11:24:34

Nukuri Marariy,itajakutumara!! Abarundi, Turakwiye Gukwiriz,ivyodusabwa mukwikingira Marariya.Turyame Mumusegeter,urimw,utiwica Imibu.Nayandi Mabwirizwa. Ashoboragufasha Nabo Bafashe..

8
Emmy 2016-09-03 10:28:16

Ubwo ni ubukene kuko abantu ntibagifungura ibintu burimwo ingaburo ikwiye bigatuma umubiri wabo uba goyigoyi,birababaje Ku igihugu cacu,ivyo vyose biva Ku kiringo ca gatatu ca nkurunziza,turaziko n’imiti atayihari.ntakundi ni ugusenga imana ikadukurako 3ème mandatory.

9
Rwandais 2016-09-02 13:51:17

Burundi : L’échec de la transformation mouvement rebelle àparti politique du CNDD-FDD au Burundi. Une question d’équilibre entre le changement et la continuité - Par l’Hon. Gervais Rufyikiri
http://www.africania-news.com/burundi-lechec-de-la-transformation-mouvement-rebelle-a-parti-politique-du-cndd-fdd-au-burundi-une-question-dequilibre-entre-le-changement-et-la-continuite/

Kumenyekanisha