Irak : Abamenyeshamakuru batanu baguye mu bitero

1 24-12-2013 - saa 17:03, IGIHE

Abamenyeshamakuru bagera kuri batanu barishwe mu gitero sindasiga cagizwe n’abihevyi bateye icicaro c’imboneshakure kiri ahitwa Tikrit, aho ni mu Buraruko bw’igisagara ca Badgad, mu gihugu ca Irak.
Muri ico gitero, umumenyeshamakuru, uwurongoye igisata co kumenyesha amakuru, uwujejwe gutunganya amakuru hamwe n’uwuri mu gisata co kubika amakuru bakorera umurongo w’imboneshakure Salaheddin, baragandaguwe muri ico gitero cabaye ku munsi wa mbere w’igenekerezo rya 23 Kigarama. Ayo makuru atangwa (...)

Abamenyeshamakuru bagera kuri batanu barishwe mu gitero sindasiga cagizwe n’abihevyi bateye icicaro c’imboneshakure kiri ahitwa Tikrit, aho ni mu Buraruko bw’igisagara ca Badgad, mu gihugu ca Irak.

Muri ico gitero, umumenyeshamakuru, uwurongoye igisata co kumenyesha amakuru, uwujejwe gutunganya amakuru hamwe n’uwuri mu gisata co kubika amakuru bakorera umurongo w’imboneshakure Salaheddin, baragandaguwe muri ico gitero cabaye ku munsi wa mbere w’igenekerezo rya 23 Kigarama. Ayo makuru atangwa n’umuyobozi mu nyamiramabi, aho amenyesha ko hari n’abashika kuri batanu bakomeretse.

Mu ntara ya Tikrit, igihe abihevyi babiri baturitsa ibibombe bari bafobereye, abajejwe umutekano bariko bagerageza kubasohora muri iyo nyubakwa, babiri muri abo bicanyi barahasize agatwe. Ubutegetsi bwo muri Irak buriteza utunyoni mu mvugo buriko burakoresha, aho bunebagura iyo nzira mbi yo kubuza umwidengemvyo wo gushikiriza ivyiyumviro, ubwo butegetsi nyene bukanebagura kandi ukudahana abakorera ubwo bwicanyi abamenyeshamakuru, mu gihe ata kintu na kimwe buriko burakora kiboneka.

Mwibuke ko abameyeshamakuru 12 bishwe muri ico gihugu, batanu bakorera mu Buraruko ahitwa i Mossoul, nta kiringo c’ukwezi giheze ako kabi kabishe kabaye.
Si abo gusa bageramiwe, mu ndwi yahera izo nkozi z’ikibi zarateye aho abarongozi b’igisagara ca Tikrit bakorera bakorera, umukozi umwe yarahasize ubuzima, hamwe n’abajejwe umutekano babiri bagandaguwe.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
Nduwayo Henry 2015-08-03 09:51:02

Kubabishe biramabaje mubisazwe tuziko umunyamakuru asanzwe akora akazikiwe none wumve ko kuba bishwe bazira akazi bakora birababaza nkabo usanga bagenda gusenga basaba Imana ntibiyumvire ivyo bakoze.

Kumenyekanisha