Abakenyezi b’abarundikazi bakwiye kuvavanura n’ivyiyumviro vy’ukwikumira

0 9-08-2013 - saa 09:32, IGIHE

Mu bikorwa vyo guhimbaza umunsi wahariwe umukenyezi wo muri Afrika kuri uyu wa gatanu, umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yatanguje i Bujumbura inama yo guhanahana ivyiyumviro ku ruhara rw’umukenyezi w’umurundikazi mw’iterambere rirama kandi ridakumira.
Mw’ijambo ryiwe, Petero Nkurunziza yamenyesheje ko ashimishwa n’ukwitanga kw’umukenyezi w’umurundikazi mw’iterambere ry’igihugu. Yashikirije ko utwigoro twabo mu bikorwa vy’iterambere ku buzima bw’igihugu ari ngirakamaro, ari naco gituma Leta (...)

Mu bikorwa vyo guhimbaza umunsi wahariwe umukenyezi wo muri Afrika kuri uyu wa gatanu, umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yatanguje i Bujumbura inama yo guhanahana ivyiyumviro ku ruhara rw’umukenyezi w’umurundikazi mw’iterambere rirama kandi ridakumira.

Mw’ijambo ryiwe, Petero Nkurunziza yamenyesheje ko ashimishwa n’ukwitanga kw’umukenyezi w’umurundikazi mw’iterambere ry’igihugu. Yashikirije ko utwigoro twabo mu bikorwa vy’iterambere ku buzima bw’igihugu ari ngirakamaro, ari naco gituma Leta y’Uburundi itazohengeshanya gufata mu mugongo abo bakenyezi.

Petero Nkurunziza yaboneyeho n’akaryo ko gutekerera impanuro abakenyezi b’abarundikazi, abasaba kurengera ivyiyumviro vya kera bifatiye ku mico n’imibano, ari navyo kenshi bibatuma bikumira ubwabo. Nk’uko yabimenyesheje, abakenyezi baca barekerana abagabo bagafata ingingo bonyene kandi ziba ari iziraba umuryango wose.
«Dusavye abakenyezi kwiteza imbere, bihe agaciro, baje mu nzego zifata ingingo, gutyo baterere agacumu k’ubumwe mu bikorwa vy’iterambere ry’igihugu.

Muri iyo nama yari yatabwe n’abandi batumire mvamakungu, umupfasoni wa Goodluck Jonathan, umukuru w’igihugu ca Nigéra yagarutse ku ntumbero y’umunsi mukuru wahariwe umukenyezi w’umunyafrika n’akamaro kawo kuva utangujwe mu mwaka w’1962

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!  

Kumenyekanisha