Abagendana ubumuga barashoboye kwikingira nabo ubukene

0 24-04-2014 - saa 07:36, IGIHE

Abagendana ubumuga barafise ibindi nabo bashoboye gukora, ivyo bikorwa bikabatuma bashobora nabo kwibeshaho no kubeshaho imiryango yabo.
Ikigo c’abagendana ubumuga co mu Kanyosha, kirafasha abakiri bato bagendana ubumuga mu kubigisha imyuga itandukanye mu ntumbero yo kubakingira ingorane ziturutse ku bukene, bivanye n’ubumuga bagendana nabwo. Ico kigo rero kikaba gifasha abantu bagendana ubumuga ubwo ari bwo bwose kumenya uko bokwitunganiriza imirimo, na rirya muri iyi minsi mu mabarabara (...)

Abagendana ubumuga barafise ibindi nabo bashoboye gukora, ivyo bikorwa bikabatuma bashobora nabo kwibeshaho no kubeshaho imiryango yabo.

Ikigo c’abagendana ubumuga co mu Kanyosha, kirafasha abakiri bato bagendana ubumuga mu kubigisha imyuga itandukanye mu ntumbero yo kubakingira ingorane ziturutse ku bukene, bivanye n’ubumuga bagendana nabwo. Ico kigo rero kikaba gifasha abantu bagendana ubumuga ubwo ari bwo bwose kumenya uko bokwitunganiriza imirimo, na rirya muri iyi minsi mu mabarabara atandukanye y’igisagara ca Bujumbura canke hagati mu gihugu, uhasanga abantu batandukanye bagendana ubumuga bariko barasabiririza.

Umuyobozi w’ikigo c’abagendana ubumuga co mu Kanyosha Vianney Karajagaraye avuga ko ikigo arongoye gifasha abagendana ubumuga mu kubategurira inyigisho zobatuma nabo bashobora kwitunga. Izo nyigisho bakaba baziha abagendana ubumuga gushika ku myaka 25, kandi bava mu miryango itifise. Avuga abamaze kuhigira imyuga, bamaze gutangura kwikorera utwabo, ubu bakaba bateye imbere, ndetse bashobora kuronka n’udufaranga baziganya tugashobora kuba turababeshejeho.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!  

Kumenyekanisha