Ubugaragu ku birabure, uko vyagenda n’ingaruka vyazanye

15 23-08-2013 - saa 07:53, IGIHE

Uko umwaka utashe, ku genekerezo rya 23 Myandagaro, ni umusi wahariwe kwibuka urudandazwa rw’abanyafrika bajanwa muri Amerika. Urwo rudandazwa rero ahanini rwakorwa n’abategetsi bo mu bihugu vya Afrika, bagakorana n’abazungu baba abanyaburaya canke abanyamerika. Aha twovuga abongereza, abafaransa, abaturuka mu bihugu vya Hollande hamwe na Portugal, hagati y’intango z’ikinjana ca 16 n’impera z’ikinjana ca 19.
Abo banyafrika barafashije cane mu butunzi bw’ibihugu vya buraya kuko bwaciye bunyaruka (...)

Uko umwaka utashe, ku genekerezo rya 23 Myandagaro, ni umusi wahariwe kwibuka urudandazwa rw’abanyafrika bajanwa muri Amerika. Urwo rudandazwa rero ahanini rwakorwa n’abategetsi bo mu bihugu vya Afrika, bagakorana n’abazungu baba abanyaburaya canke abanyamerika. Aha twovuga abongereza, abafaransa, abaturuka mu bihugu vya Hollande hamwe na Portugal, hagati y’intango z’ikinjana ca 16 n’impera z’ikinjana ca 19.

Abo banyafrika barafashije cane mu butunzi bw’ibihugu vya buraya kuko bwaciye bunyaruka kuduga hagati mur’ivyo binjana. Nibo kandi batumye ubutaka bw’Amerika bushobora kuba isi nshasha bashobora kubako kuko ubwa mbere ata bantu babubako.
Intumbero nyamukuru y’urwo rudandazwa bwari ubutunzi : abo banyafrika bakoreshwa akazi k’inguvu kandi bagahembwa intica ntikize. Ubwoko bufatiye ku rukoba bwarasigura urwo rudandazwa : abazungu bibonamwo ubushobozi burengeye kurusha abirabure, ko bategerzwa kubigisha kugira bamere nkabo.

Urwo rudanazwa rw’abanyafrika rukaba rwatanguye kwiyamirizwa cane inyuma y’ukwiganzura kw’abafaransa mu mwaka w’1848, ubu rukaba rufatwa nk’icaha c’agahomerabunwa c’ubwicanyi, hakaba hari n’ubutegetsi bumwe bumwe bwo muri Afrika n’ayandi mashirahamwe atandukanye bipfuza ko urwo rudandazwa rw’abanyafrika rufatwa nk’ihonyabwoko.

Hari ico bita urudandazwa nyabutatu

Urudandazwa nyabutatu ni imvugo yakoreshwa muri urwo rudandazwa rw’abanyafrika kuvu mu kinjana ca 17. Kubw’ivyo, urugendo rwakorwa mu mice itatu nk’uko barwise :

1. Uburaya - Afrika

2. Afrika - Amerika

3. Amerika - Uburaya

Ubwo nibwo buryo butatu bwari bugize urudandazwa nyabutatu :

Uburyo bwa mbere, umuhora uburaya - Afrika : ubwato bwava mu gihugu c’Ubufaransa cane cane ku bivuko vya Nantes, La Rochelle, Le Havre na Bordeaux, bukaza buzanye ibidandazwa nk’ibirwanisho n’ibindi bigenewe kuguzwa abirabure b’abanyafrika.

Uburyo bugira kabiri, umuhora Afrika - Amerika : Ubwo bwato bwaca bugenda butwaye abo banyafrika, bukabajana mu mazinga yaho muri Amerika. Aho naho baca badandazwa ku bantu batunze cane kugira baze barabakoresha mu bikorwa bitandukanye, nk’ivyo muhira canke mu mirima. Urwo rugendo rwaba rutoroshe na gato, abenshi baritaba Imana kubera inzara, inyota hamwe n’izindi ndwara. Abaremvye n’abapfuye baca batabwa mu mazi. Abashoboye gushika nabo bicwa n’uburuhe mu mirima hamwe no gufatwa nabi (baraturubikwa.)

Uburyo bugira gatatu, umuhora Amerika - Uburayi : Bahejeje kubadandaza ubwato ntibwasubira inyuma bugaragara. Basubirana inyuma amahera babadandaje ikawa, isukari, vyose biva mu nguvu z’abirabure, vyaca bidandazwa i Buraya.

Urwo rudandazwa rw’abirabure ntirwakozwe n’abafaransa bose. Abarwiharije ni abaturuka mu burere bwa Guadeloupe, Martinique, Guyane hamwe na Réunion. Abadandazwa benshi bava muri Afrika y’uburengero.

Uko babaho bamaze gushikanwayo

Baraturubikwa cane, haba ku mubiri ndetse no mu mitwe
Uguturubikwa mu mitwe vyatangurira kwibagizwa imico n’akaranga vyabo, ari naco gituma abenshi biyahura. Barabahindura amazina yabo, bakabatazira ayandi bishakiye. Kubera ivyo, bagira indangamuntu bisangije.

Uguturubikwa ku mubiri naho, babaho mu buzima bubi cane n’ibikorwa vy’umurengera, tutibagiye n’imfungurwa zidashemeye bahabwa. Babafungurira ibishobora kubafasha mu kiringo c’akazi ka misi yose gusa. Kubera ivyo, ubuzima bwo kubaho bwaba buto cane kuribo. Bwaharurwa ku myaka 15. Imiryango yamana agahinda k’ababo bagiye gukoreshwa mu mirima kure yabo.

Urwo rudandaza rwaratumye haba ingarukambi cane muri Afrika no ku banyafrika. Igikorwa co kurondera abadandazwa caracanishijemwo n’abanyafrika ubwabo. Vyaratumye haba igabanuka ry’umwimbu, barata akaranga, inzankano hagati y’abanyafrika ziraduka.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

32859 1 2-04-2014
Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Paji: 1 | 2  

1
Muco Egide 2018-11-15 16:29:19

Abanyafrika Twaragow Kwel

2
Manirambona Melance 2018-08-03 21:16:23

Na Mahor None Ubwoko Bucabaho?

3
Dobori 2018-06-30 23:57:41

Ndabasavye gezaho ubwo bubeshi ngo aba ny’ afrika baragurishishije abandi ba ny’ afrika ni ububeshi bwabazungu

4
Aime louche muhimpundu 2018-02-07 19:58:56

afrika isa niyagowe kuva kera na nubu ikiriko twocita mal necessaire kuko iyo bitba ukwo obama ntiyotwaye amerika.

5
Mututsi 2016-12-07 07:51:12

None Abobirabure Baba Ari Abahutu? Cnk Baba Ari Abatutsi Cnk Baba Ari Abatwa? Cnk Ntibavanguramoko?

6
Sibomana Faustin 2016-11-03 23:03:34

Biteye Umubabaro N’agahinda Emweee Abirabure Twaragowe.

7
Josué 2016-10-13 15:30:40

Nivyiza.Komezamutwandikire.

8
HARIMENSHI 2016-07-08 05:58:09

VYARI BIBABAJE CAAANE!!

9
mugisha biezb 2016-05-07 19:22:38

iyonkuru irababacane kandi iratera agahinda abobazungubazanye akokabi imanaibaharire nu ruvyarorwabo kanditurabe ingene bitazosubira muri AFRICA

10
Sylvestre Ntunzwenimana 2016-05-06 15:59:38

Imana Niyo Nkuru

Paji: 1 | 2  

Kumenyekanisha