Ababishobora baratumiwe kwibuka abahitanywe n’igitero c’i Garissa

1 24-04-2015 - saa 14:35, IGIHE

Ishirahamwe ry’ aba blogueurs hano mu Burundi ryifatanije n’amashirahamwe y’abanyakenya AKB, JELIM na BCC baratumirira abantu bose kuza kwifatanya nabo kwibuka ba banyeshure bo muri kaminuza y’i Garissa bahitanwa n’igitero c’ abihevyi.
Ivyo birori vyataziriwe’’ Garissa Special Memorial’’ bikaza kurangwa n’agasabisho hamwe n’igiteramo c’abaririmvyi batandukanye, nk’uko tubishikirizwa na Spageon Ngabo umwe mu batunganije ivyo birori. Muri ivyo birori kandi hatumiwe abanyacubahiro batandukanye (...)

Ishirahamwe ry’ aba blogueurs hano mu Burundi ryifatanije n’amashirahamwe y’abanyakenya AKB, JELIM na BCC baratumirira abantu bose kuza kwifatanya nabo kwibuka ba banyeshure bo muri kaminuza y’i Garissa bahitanwa n’igitero c’ abihevyi.

Ivyo birori vyataziriwe’’ Garissa Special Memorial’’ bikaza kurangwa n’agasabisho hamwe n’igiteramo c’abaririmvyi batandukanye, nk’uko tubishikirizwa na Spageon Ngabo umwe mu batunganije ivyo birori. Muri ivyo birori kandi hatumiwe abanyacubahiro batandukanye nk’umushikiranganji w’inkino n’imicokama hamwe n’umushikiranganji w’imigenderanire no gufashanya hagati y’Uburundi n’ayandi makungu.

Kwinjira ni ku buntu nk’uko babandanya babitumenyesha , ariko ico kunywa umwe wese akaba aza kwimenya . Spageon Ngabo atumirira abanyagisagara ca Bujumbura na cane cane urwaruka kuza kwifatanya na bene wabo b’abanyakenya.

Ivyo birori bikaza kubera hafi y’ikibuga tempete kuri Pearl Hotel, igihe c’isaha 12 z’umugoroba wo kuri uno wa gatanu, igenekerezo rya 24 Ndamukiza. Tubibutse ko ico gitero cabaye kuwa 2 Ndamukiza uno mwaka mu gisagara ca Nairobi muri Kenya, kikaba cahitanye abantu 152 harimwo abanyeshure 148.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
Spageon Ngabo 2015-04-25 13:11:57

C,est impératif que tous les africains, nous nous levions comme un seul peuple, surtout les jeunes, pour défendre nos libertés dont l’apprentissage et l,expression. c’est important que nous nous metions ensemble pour monter notre développement. Nous devons nous soutenir en malheur et en bonheur.
Voilà!!!

Kumenyekanisha