
Umufaransa Zinedine Zidane yahora amenyereza umurwi Real Madrid wo mu gihugu ca Espagne, yamenyesheje ko atanze imihoho muri ayo mabanga , kur’uyu wa kane igenekerezo rya 31 Rusama 2018.
Mu kiganiro kitari citezwe yatanze ku bamenyeshamakuru,ari kumwe n’umuyobozi wa Real Madrid Florentino Perez, Zinedine Zidane yavuze ko yafashe ingingo yo kutabandanya amenyereza umurwi Real Madrid, mu mwaka uza.
Zinedine Zidane asezeye Real Madrid, mu gihe yaheruka kwandika amateka mu rukino rw’umupira w’amaguru ku mugabane wa Buraya, mu gutahukana igikombe c’ihiganwa rihuza imirwi yabaye iya mbere mu bihugu vyayo, ku ncuro zitatu zikurikirana.
Mu kwezi kwa mbere 2018, Zinedine Zidane yari yongereje amasezerano yo kumenyereza umurwi Real Madrid, gushika mu mwaka wa 2020.
zidan agnd amahoro ariko Real M.Hagiy kubaba !Tuyisenger !
Hatakiw Vijan Hao Wachez Vizur Wasiogop Wafan Tuk Nyuma
Ndamutahura neza cane yanse kuguma atwara ibikombe hariho abakinyi bafise izindi ntumbero zokubanza kuvuna nimpaka ayandi ma equipe nkakarorero urukino rwabahuza na liverpool
Ahubwo Uwomugabo Arasara None Atinyiki ? Ko Twari Tumwemera ? Niyikontorore Kuko Aravyonze Kandamahiganwa Agomba Gutangura .
Nshaka Komwonpa Nkayirorera Iyomace