Zambiya: Umutamakazi w’imyaka 73 yaronkejwe urupapuro rw’umutsindo

4 6-10-2018 - saa 18:45, vianney

Umutamakazi w’imyaka 73 yitwa Tangu Mhlanga MAZABA wo mu gihugu ca Zambiya yaronkejwe urupapuro rw’umutsindo rwa kaminuza mu gisata c’ubutunzi.

Amakuru dukesha BBC avuga ko uyo mutamakazi yaronkejwe urupapuro rw’umutsindo afise abana 5 hamwe n’abuzukuru 10.

Tangu Mhlanga MAZABA yamenyesheje ko icatumye asubira mw’ishure aruko yamye afise impungenge nk’umuntu yariho igihe igihugu ciwe caronka ubwigenge ko ata kintu bakoze kigaragara kugira bacungere ubutunzi bwabo bwite.

Uyo mutamakazi avuga kandi ko yiyemeje gusubira mw’ishuri kugira ashitse icari ku mutima wiwe kuko yabonako Zambia izogera kw’iterambere aruko abanyazambia bashoboye gucunga ubwabo amatungo yabo hamwe n’ubutunzi bwabo.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
venuste irakoze 2018-10-15 21:37:13

uwomugabo atwigisha gukundishure

2
JOEL 2018-10-15 20:54:15

Jewe Kweri Ndabona Ko Zambiya Ifise Umwete Wukwiga Nabatamakazi Baguma Biga!

3
Gicuba musenyi 2018-10-10 16:28:15

imana.ishimwe.ndumva aba zambia.barakunda ishuri.na batamakazi

4
rwasibo 2018-10-06 21:00:53

Uwo aratahura kazoza kigihugu si iburundi wiga ugatahra isuka nturuh ushits ico wigiy ugitez imbr .ew burundi

Kumenyekanisha