Yves KAMIKIWE yagenywe kuba umuhanuzi mu bijanye n’amategeko mw’ishirahamwe ry’abaririmvyi mu Burundi

2 2-06-2018 - saa 10:53, IGIHE

Umuririmvyi w’umurundi ,Yves KAMIKIWE, yagenywe kuba umuhanuzi mu bijanye n’amategeko mw’ishirahamwe ry’abaririmvyi bo mu Burundi, Amical des Musiciens du Burundi.

Yves KAMIKIWE yagenywe muri ayo mabanga, inyuma y’urugendo yagize mu gihugu c’Ubuganda, aho yari yitavye ibiteramo bifatwa nk’isoko ry’umuziki, aho abaririmvyi bahura bakavuza umuziki, berekana ingabire, abahinga nabo bakaboneraho akaryo ko guhitamwo abo bokorana.

Umuririmvyi Yves KAMIKIWE, yari yagiye mu gihugu c’Ubuganda, kuva kw’igenekerezo rya 8 gushika kurya 12 Rusama 2018, akemeza kandi ko yaronse akaryo ko gutumirwa mu bindi biteramo.

Yves KAMIKIWE, yaheruka kugenwa kandi nk’umuserukizi w’ishirahamwe AAPI (AFRICAN ARTISTS PEACE INITIATIVE).

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
Sylvère Niyungeko 2018-06-19 20:51:11

nn twoshobora kuza turaronka indirimbo zanyu gute ?,hama turabakeje.umuziki w’uburundi bwacu maze utere imbere.hezagigwa.mrci !

2
butoyi 2018-06-04 10:50:29

Yves turagukeje

Kumenyekanisha