Willy Nyamitwe yahatswe kugandagurwa

48 29-11-2016 - saa 06:26, Jean De Dieu

Willy NYAMITWE, umuhanuzi mukuru ajejwe kumenyesha amakuru mu biro vy’umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero NKURUNZIZA yahatswe kugandagurwa n’abantu bamurashe ageze hafi yo ku rugo iwe i Bujumbura, mu Kajaga.
Nk’uko vyemezwa n’abajejwe umutekano bakorera hafi y’aho ico gitero cabereye, Willy NYAMITWE yatewe avuye ku mirimo mw’ijoro ryo kuri uwu wa mbere, nk’ inyuma y’isaha imwe y’ijoro. Abatanze ayo makuru bakavuga ko umwe mu bamucungerera umutekano wa Willy NYAMITWE yaciye acikana, uwundi arakomereka (...)

Willy NYAMITWE, umuhanuzi mukuru ajejwe kumenyesha amakuru mu biro vy’umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero NKURUNZIZA yahatswe kugandagurwa n’abantu bamurashe ageze hafi yo ku rugo iwe i Bujumbura, mu Kajaga.

Nk’uko vyemezwa n’abajejwe umutekano bakorera hafi y’aho ico gitero cabereye, Willy NYAMITWE yatewe avuye ku mirimo mw’ijoro ryo kuri uwu wa mbere, nk’ inyuma y’isaha imwe y’ijoro. Abatanze ayo makuru bakavuga ko umwe mu bamucungerera umutekano wa Willy NYAMITWE yaciye acikana, uwundi arakomereka cane. Willy Nyamitwe bivugwa ko yoba yakomerekejwe ku kuboko n’urusasu, akaba yaciye ajanwa kwa muganga, ku bitaro KIRA HOSPITAL biri mu gisagara ca Bujumbura.

Abicishije ku muhora Twitter wiwe, Alain Aime NYAMITWE, umushikiranganji w’Uburundi ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu, akaba n’umuvukanyi wa Willy NYAMITWE, yemeje ayo makuru y’igitero cakozwe kuri uwo muhanuzi w’umukuru w’igihugu, ashimira Imana ko acitse kw’icumu.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

67329 10 19-04-2017
Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Paji: 1 | 2 | 3 | 4 | 5  

41
maniratunga arias 2016-11-29 09:41:17

barek nabas bigihu

42
Denise 2016-11-29 09:29:42

Iyo bafuma ba mugema Ku munwa basi

43
mzoyihera intagoheka 2016-11-29 09:22:55

Mbabajwe nakoga porisi kaguye mu mporero, kuko namabi birirwa barakora yo kunyuruza abenigihugu babitumwa nabanyamitwe,na bankurunziza. mukandi kanya mpavangenda kumuhereza misuhuko, oya sindavyemera kwarivyukuri, nzovyemera ninabona arikamuga wakaboko.

44
Claude 2016-11-29 09:13:18

uwo yamurashe nta muntu arimwo yamuhushije gute kweli?bamushake bamuhane bamubaze impamvu atazi kugema

45
Morodikayi Jon 2016-11-29 09:04:51

Iyo nimburi kuriwe rumusivye unomusi ejo ntiruzomusimba, mbeyibaza kurya birirwa baragandagura benewabo, burya ntirubarindiriye? imisi yumwicanyi iraharuye, kuba yarokotse na bishimirimana yiwe yikuzimu, imwe basazwe basenga na sewiwe Nkurunziza petero.

46
mukas 2016-11-29 09:00:33

BUYOYA azobamara ni muraba nabi basha!!!! namwe nimumwitange canke abamare.

47
DUSABE 2016-11-29 08:34:26

Mwibuke amerika itangazo baheruka gushikiriza ngo mugihigu hagiye kubaba,dushimire UHORAHO,ko atapfuye tubandanye dusenga

48
kamaro 2016-11-29 08:23:31

ngiryo ryahonyabwoko KaGAME NAZAMBWA ziwe baribamazimisi baririmba ryoguhonya abahutu bize rikibandanya, boshaka bobireka kuko nomuribo abize barimwo! basoroma aha abandi basoroma hariya..... akataretse kaba gasema

Paji: 1 | 2 | 3 | 4 | 5  

Kumenyekanisha