Willy Nyamitwe yahatswe kugandagurwa

48 29-11-2016 - saa 06:26, Jean De Dieu

Willy NYAMITWE, umuhanuzi mukuru ajejwe kumenyesha amakuru mu biro vy’umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero NKURUNZIZA yahatswe kugandagurwa n’abantu bamurashe ageze hafi yo ku rugo iwe i Bujumbura, mu Kajaga.
Nk’uko vyemezwa n’abajejwe umutekano bakorera hafi y’aho ico gitero cabereye, Willy NYAMITWE yatewe avuye ku mirimo mw’ijoro ryo kuri uwu wa mbere, nk’ inyuma y’isaha imwe y’ijoro. Abatanze ayo makuru bakavuga ko umwe mu bamucungerera umutekano wa Willy NYAMITWE yaciye acikana, uwundi arakomereka (...)

Willy NYAMITWE, umuhanuzi mukuru ajejwe kumenyesha amakuru mu biro vy’umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero NKURUNZIZA yahatswe kugandagurwa n’abantu bamurashe ageze hafi yo ku rugo iwe i Bujumbura, mu Kajaga.

Nk’uko vyemezwa n’abajejwe umutekano bakorera hafi y’aho ico gitero cabereye, Willy NYAMITWE yatewe avuye ku mirimo mw’ijoro ryo kuri uwu wa mbere, nk’ inyuma y’isaha imwe y’ijoro. Abatanze ayo makuru bakavuga ko umwe mu bamucungerera umutekano wa Willy NYAMITWE yaciye acikana, uwundi arakomereka cane. Willy Nyamitwe bivugwa ko yoba yakomerekejwe ku kuboko n’urusasu, akaba yaciye ajanwa kwa muganga, ku bitaro KIRA HOSPITAL biri mu gisagara ca Bujumbura.

Abicishije ku muhora Twitter wiwe, Alain Aime NYAMITWE, umushikiranganji w’Uburundi ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu, akaba n’umuvukanyi wa Willy NYAMITWE, yemeje ayo makuru y’igitero cakozwe kuri uwo muhanuzi w’umukuru w’igihugu, ashimira Imana ko acitse kw’icumu.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

62991 10 19-04-2017
Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Paji: 1 | 2 | 3 | 4 | 5  

1
JASTA BOSTON 2017-03-16 18:47:17

NIBAMUREKE UGIRA NTIBAMUZIZA MUTAMA WACU?NIBATESHWE BATE.

2
Murenga Sebatsein 2017-02-24 12:20:42

yooo nukwihangan Iman Ni Yonkuru Por?

3
ntahomvukiye jean baptiste 2017-01-01 22:17:07

Umugabo Ataranirwa Agaramye Avugango Ijur Riri Hafi Abo Bant Bashaka Kwicisha Imbunda Nabonyene Bazicishwa Yene Emwe Naho Bagomba Kwica Aband Nabonyene Urupfu Ntibazorasa Komera Mutama Wacu Simba Imanga Imana Icane Warujabutse

4
Jerome Ntakarutima 2016-12-26 19:05:21

Uwicishije Ingoho Nawe Azokwicwa Nayo Uwobiraba Aribaza Bavuga Uwuguheneye Ntumuhenere Akwita Ikiburanyo

5
Therérence 2016-12-04 14:17:28

Pole Sana.

6
folmand 2016-12-03 08:00:45

Birababaje ariko akagohe twovunira ababikora nuko ataco bazoshikako kuko abarundi bati NTAWUMARIRA IMANA naho hazosigara umurundi umwe ntazemerako igihugu kirwa mumimwe yizo nyankaburundi, mbaye Nyakwigendera NDADAYE umurundi wese arashobora kuba NDADAYE, ADOLPHE, NYAMITWE,... iyo bibaye ngombwa.

7
Ningejeje 2016-12-01 19:53:19

komera kwibanga nyakugir,imana bazopfa bamaramara ibidutera ubwoba.sivyo turinyuma yawe abakeba ntamutima bagira

8
mag 2016-12-01 18:28:02

iyobakumenamavyawamugesarawe

9
SHARIF 2016-12-01 14:16:27

Komera Willy Nyamitwe, Jehovah Rohi arikumwe nawe kanatsinda, He is the final say!!!nta Sindumuja azofata igihugu abicishije m’ ubwicanyi. Ariko twebwe Abarundi twashegeshezwe na Sindumuja et en particulier Buyoya na mwene wabo Busokoza ko mwokora ukomushoboye mwebwe na Gouvernement mukarengukisha imbere y’ Ubutungane abo bagabo babiri bitabe Urukiko imbere yuko babatwara ubuzima kuko bari decider yo gukora criminalité kugira bagaruke k’ Ubutegetsi.
Programme yabo iracari yayindi ntaho iraja donc il faut absolument kubitanga imbere yuko babitanga canke hari iyindi alternative muyikoreshe ariko bishure ku vyaha bakoreye Abanyagihugu, ntibabandanye bidegevya

10
Nema 2016-11-30 20:46:03

Imana Irakubona Abo Sibo Bakuremye . Kumara Abarundi Ngo Niho Bofata Ubutegetsi Tuzoraba .

Paji: 1 | 2 | 3 | 4 | 5  

Kumenyekanisha