Vumbi-Kirundo: Umuntu umwe yishwe uwundi arakomereka mu gitero c’abasuma

1 10-07-2018 - saa 18:45, vianney

Umuntu umwe niwe yishwe uwundi arakomeraka mw’ijoro ryo ku wa mbere buca ari kuruyu wa kabiri igihe c’isaha imwe n’inusu z’ijoro ,inyuma yaho abasuma 3 bitwaje ibigwanisho bagavye igitero ku nzu y’ubudandarizo y’uwitwa Pierre NGARAMA afise imyaka 39 aba k’umusozi Rwisuri komine Vumbi mu ntara ya Kirundo.

Amakuru dukesha umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano no kugwanya ibiza ,Pierre NKURIKIYE amenyeshako barashe baca bakomeretsa Pierre NGARAMA uwitwa Emmanuel RWASA w’imyaka 26 yicwa n’urusasu.

Ayo makuru avuga ko abo basuma bivye amafaranga ataramenyekana igitigiri hamwe n’ibitenge,kandi ubu amatohoza aza yatanguye.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
Manirakiza Emanuel 2018-07-11 00:41:40

Ahubwo Uw Omunyeshure Ntakomere Gukubita Umwigish

Kumenyekanisha