Voicemail : Menya abakurondeye ngendanwa yawe izimije

0 25-09-2017 - saa 11:45, Egide NDUWIMANA

Ibibazo vyo kurondera incuti n’abagenzi ntubatora kubera ngendanwa zabo zizimije canke ziri mu kibanza ca kure birarangiye ku banwanyi ba Lumitel.

Ishirahamwe ryo gutumatumanako Lumitel ribandanya kubazanira bishasha kandi bigezweho bije kworohereza abanywanyi baryo.

Wipfuza kuvugisha abagenzi n’incuti ariko ntubatora ? Ubu birarangiye kuko naho mutovugana murashobora kubasigira ubutumwa bw’ijwi (Messagerie Vocale) kugira ubamenyeshe ico wabaronderera.

Kugira umunwanyi wa Lumitel atangure gukoresha ico gisata, asabwa kwiyandikisha mu gufyonda *800*30#.

Iyo muronse ubwo butumwa bw’ijwi, murabimenyeshwa, mugaca muhamagara kuri 804 kugira mwumvirize ubwo butumwa.

Aho mukamenya ko umunwanyi arihishwa mu gihe arungitse ubutumwa bw’ijwi canke yaronse ubwo butumwa akaba yipfuza kubwumviriza.

Menya neza, uwurungitse ubutumwa bw’ijwi arihishwa amafaranga angana n’uko yoba ahamagaye umuntu, mu gihe uwaronse ubutumwa nawe yipfuza kubwumviriza arihishwa amafaranga 52 ku munota.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!  

Kumenyekanisha