Vitalo FC watahukanye igikombe citiriwe umukuru w’igihugu

1 25-06-2018 - saa 08:12, IGIHE

Umurwi Vitalo FC niwo watahukanye igikombe c’umukuru w’igihugu c’umwaka wa 2018, Delta Star wo mu Gatumba ibitsindo bitatu kuri kimwe, mu rukino rwa nyuma rwabaye kuwa gatandatu igenekerezo rya 23 Ruheshi 2018, ku kibuga c’intara ya Gitega.

Kuva ku munota wa mbere w’urukino umurwi Vitalo FC n’umurwi Delta Star yagumye yerekana ko ikeneye intsinzi, ariko ku minota ya mbere y’urukino, umukinyi MBIRIZI Christian yinjiza igitsindo ca mbere ca Vitalo FC.

Umurwi Vitalo FC wabandanije gusatira umurwi Delta Star gushika uraronka n’igitsindo ca kabiri, mbere uhava winjiza n’igitsindo ca gatatu, muri ivyo bitsindo bitatu umukinyi MBIRIZI Christian akaba yinjije ibitsindo bibiri, ikindi cinjizwa na NGEZE Issa.

Igitsindo co guhoza amarira umurwi wa Delta Star ari naco conyene cinjiye ku ruhande rwa Delta Star cinjijwe na Dusabe Olivier.

Vital’o Fc uzoca userukira Uburundi mu mahiganwa ya Africa Confederation Cup ry’uwu mwaka wa 2018 ushira uwa 2019.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
KAMANA JAMVIER 2018-06-30 13:40:20

abobasore bari bagikwiye rwose

Kumenyekanisha