Vitalo FC waronse uburenganzira bwo gukina urukino rwa nyuma mu gikombe c’umukuru w’igihugu

0 3-06-2018 - saa 07:29, IGIHE

Umurwi Vitalo FC wararonse uburenganzira bwo gukina urukino rwa nyuma, mw’ihiganwa ry’igikombe c’umukuru w’igihugu, inyuma yo gutsinda umurwi Burundi Sport Dynamic ibitsindo bibibi kuri kimwe, mu rukino rwo kur’uyu wa gatandatu igenekerezo rya 2 Ruheshi 2018.

Muri urwo rukino rwabereye ku kibuga Umuco co mu ntara ya Muyinga, umurwi Vitalo kuva urukino rugitangura, warerekanye ko ukeneye intsinzi, mbere ku munota wa 18 w’igice ca mbere, umukinyi Hassan BIZIMANA yinjiza igitsindo cawo ca mbere.

Umurwi Vitalo ntiwicaye, kuko wagumye usatira, gushika naho ku munota wa 41 w’igice ca mbere, umukinyi Christian MBIRIZI yinjiza igitsindo ca Vitalo FC ca kabiri, igice ca mbere c’urukino gica gihera ari ibitsindo bibiri vya Vitalo FC, ku busa bwa Burundi Sport Dynamic.

Mu gice ca kabiri c’urukino, umurwi Burundi Sport Dynamic nawo waje ufise inguvu, ku munota wa 53, umukinyi David SINIBAGIYE aca atsinda igitsindo cawo ca mbere, ariko urukino ruca rurangira ata kindi gitsindo kibonetse muri urwo rukino.

Bitegekanijwe ko umurwi uzokina na Vitalo FC mu rukino rwa nyuma, umenyekana kur’uyu w ‘Imana igenekerezo rya 3 Ruheshi 2018, inyuma y’urukino ruhuza Olympic Star na Delta Star, ku kibuga Urukundo co mu ntara ya Ngozi.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!  

Kumenyekanisha