Vichou yasohoye video y’ururirimbo yikoranye kandi yamuzimvye

0 7-11-2017 - saa 15:00, IGIHE

Vichou wo mu murwi Peace&Love yasohoye video y’ururirimbo "Vurugu". Iyo video bivugwa ko yakozwe ku mafaranga menshi kandi yakozwe n’umuhinyanyuzi ariko amenyekana mu Burundi.

Video y’ururirimbo "Vurugu" ibonekamwo Vichou wenyene mu bagize umurwi Peace and Love. Itangura Vichou yinjiye mw’isengero biboneka ko ari muri Paroisse Saint-Michel.

Indirimbo "Vurugu" yakozwe n’umuhinyanyuzi Brian Smith ku mafaranga bivugwa ko ashika imiriyoni zitanu.

Ikindi gishasha muri iyo ndirimbo n’uko Vichou yaririmvye mu Giswahili gusa ibitari bimenyerewe. Twagerageje kumuhamagara ngo atange umuco ku bibazo bimwe bimwe cane cane icatumye ayikorana kandi ari mu murwi ariko twamubuze kuko ngendanwa yari izimije.

Raba aha munsi video y’ururirimbo"Vurugu" yakozwe ku mafaranga menshi

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!  

Kumenyekanisha