
Igiporisi c’Uburundi cerekanye uwahoze mu gisirikare c’Uburundi yiyemerera ko ari mu bari begereye umwigeme Zebiya, akaba no mu bajejwe umutekano wiwe. Jimmy NEMEYIMANA yemeza ko Zebiya atakibarizwa muri kano karere ka Afrika y’Ubuseruko, ahubwo ko ageze mu gihugu ca Australiya.
Jimmy NEMEYIMANA avuga ko yatanguye kuja kwa Zebiya i Businde, Komine Gahombo, intara ya Kayanza, mu mwaka wa 2014, agiye gusengerwa kuko yari arwaye, ari naho yafatiwe aca yinjizwa ibohero rikuru rya Mpimba, amarayo umwaka urenga.
Uwo yahoze ari umusirikare yemera ko yari mu begereye cane Zebiya, akaba n’uwujejwe umutekano wiwe, avuga ko abibaza ko Zebiya yoba akiri mu Burundi canke mu bihugu bihana urubibe n’Uburundi atarivyo, kuko yahavuye, mbere amaze no kwubaka urugo.
« Zebiya yarubatse urwiwe, yubatse yisunze amategeko na Rugamba Juvenal. Ubukwe bwiwe abantu barabwitavye. Ubu ari mu gihugu ca Australiya, abana n’umugabo yavuye mu mwaka wa gatanu w’ishuri ry’ubuganga muri kaminuza y’Uburundi. »
Jimmy NEMEYIMANA avuga ko Zebiya yagiye mu gihugu ca Australiya, aciye mu gihugu c’Ubuganda, hanyuma aca mu gihugu ca Canada. Kandi amaze no kwibaruka umwana w’umwigeme.
Nk’umwe mu bari barongoye abayoboke ba Zebiya baciye mu gihugu ca Republika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo hanyuma bakaja mu gihugu c’Urwanda, yemeza ko baheruka kuronka ubutumwa bwa Zebiya mu mwaka wa 2015.
Mu minsi yose abo bayoboke bamaze mu buhungiro, bemeza ko batigeze babona umwigeme Zebiya. Abo bayoboke bavuga ko ivyo bitabaciye intege, kuko ku bwabo, atariwe bari bakurikiye.
"Zebiya ntawe twabonye kandi siwe twakurikiye, twakurikiye Imana yacu yatubonekeye ku kibanza ceranda ca Businde. Ariko yaradufashije mu gihugu c’Uburundi mu kubandanya gusenga kwacu. Nivyo vyadufashije n’ubu kuba tugihagaze mu kwemera."
Nonekugirango Evariste ngoyagoye Ntabe Akirongoye Diyoseze Nkuru Ya Bujumbura Yakoze Icahanyabaki Mummpe Inyishu
ese zebiya yari intambamyi gute kuri leta ?
Pauvre munyagihugu bakamushuhurirako imbwa
NONE INDILIMBO TWOZILONKA GUTE ?
Biriya vyose banze ko babakorera, Zebiya barabimukoreye kubera ko yagiye na passport irimwo visa. Kandi ibintu vyiwe nawe nyene vyarasatwe nawe arasakwa hakoreshejwe ubuhinga bwa none. Abo bayoboke biwe bari mubuyobe.
Mbega ikinyoma ? Iryo ni irementanya ritaribwaboneke.
Zebiyani umukozi w’Imana yaragiye ariko abakurikiye Imana barabandanya gusenga kuko niyo yareka gusenga bazobandanya