Uwahora ari umukuru wa Sahwanya FRODEBU yagenywe kuwuserukira i Buraya

3 16-07-2018 - saa 20:52, vianney

Frédéric BAMVUGINYUMVIRA yahora arongoye umugambwe Sahwanya FRODEBU yagenywe n’umukuru w’uyo mugambwe kugira awuserukira k’umugabane wa Buraya mu mazinga ya Caraibe hamwe no mu mazinga ya Pacifique.

Mw’itegeko inomero 20/CP/PSF/2018 ryo kuwa 16 Mukakaro 2018,ryateweko umukono n’umukuru w’uyo mugambwe,Pierre Claver NAHIMANA amenyeshako Frédéric BAMVUGINYUMVIRA agenywe guserukira Sahwanya FRODEBU i Buraya,muri Caraibe na Pacifique.

Frédéric BAMVUGINYUMVIRA yahora ari umukuru w’umugambwe Sahwanya FRODEBU imbere yuko asubirizwa murayo mabanga biciye mu matora yatunganijwe mu mpera z’indwi iheze.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
Sylvere Sibomana 2018-07-29 23:14:31

Ariko rero ntibikwiye,guterera amatora gusa mwibuke no kubaka amahinguriro meshi niho tuzokwikukira neza cane duteye imbere

2
Busurahende 2018-07-18 13:09:54

@Mama: Reka nkwishure naho wabajije ikibazo na wewe ushobora kwiyishura. Urumva arisanzuye, arashobora gutembera umugabane wa Buraya, agashika no mu mazinga ya Pacifique. Uca wumva ko aruta bamwe bazingamiye mu Burundi kuva 2015 badashobora gusohoka.

3
Mama 2018-07-17 15:09:06

Yahora awuserukira Bulaya nomu Burundi none bigenzegute ngwasigarane gusa muburaya bwa Louis Michel gusa!

Kumenyekanisha