Utuzu tw’ubudandaji dukoresha umuyagankuba w’izuba twatanguye kwugururwa

4 4-11-2016 - saa 14:18, Egide NDUWIMANA

Econet leo yaratanze ku mugaragaro kuri uwu wa 2 Munyonyo 2016, akazu k’ubudandaji gakoresha umuyagankuba uvuye ku zuba (Kiosque solaire). Ako kazu kahawe ishirahamwe CJA (Coalition des Jeunes en Action), aho akaba ari mu gihe iryo shirahamwe ryari riramutse ryugurura ku mugaragaro ikigo c’ukwigisha imyuga co muri komine Gisozi, mu ntara ya Mwaro.
Ishirahamwe CJA risanzwe rikorana na Econet mu mugambi wa EcoCash (uburyo bwo kurungikirana amafaranga biciye muri terefone ngendanwa. Iyugururwa (...)

Econet leo yaratanze ku mugaragaro kuri uwu wa 2 Munyonyo 2016, akazu k’ubudandaji gakoresha umuyagankuba uvuye ku zuba (Kiosque solaire). Ako kazu kahawe ishirahamwe CJA (Coalition des Jeunes en Action), aho akaba ari mu gihe iryo shirahamwe ryari riramutse ryugurura ku mugaragaro ikigo c’ukwigisha imyuga co muri komine Gisozi, mu ntara ya Mwaro.

Ishirahamwe CJA risanzwe rikorana na Econet mu mugambi wa EcoCash (uburyo bwo kurungikirana amafaranga biciye muri terefone ngendanwa. Iyugururwa ry’ico kigo cigisha imyuga ryari ryatewe iteka n’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA.

Ako kazu k’ubudandaji gakoresha umuyagankuba uvuye ku zuba (Kiosque solaire) ni aka Econet Leo, kakazofasha mu bijanye n’ugutumatumanako amakuru, ku bakurikirana ivyigwa muri ico kigo, hamwe n’abanyagihugu bo mu micungararo y’aho ako kazu kashizwe. Muri ako kazu k’ubudandaji, abanywanyi ba Econet Leo bazoharonkera :

- Amakarata simu ya Econet leo
- Terefone ngendanwa
- Ama karata y’ama inite
- Ibikorwa vya EcoCash (Gushira amafaranga muri Terefone, kuyarungika, hamwe n’ukuyabikuza, …)
- Umuyagankuba w’ugushira umuriro muma Terefone, aho mukamenya ko uwo muriro ushirwa muri Terefone ku buntu.

Abiga kuri iryo shure ry’imyuga hamwe n’abandi banyagihugu bazoronka amahirwe y’ukuzana ama terefone yabo ku muriro (recharge batteries), ako kakaba ari akarusho gakomeye ku banyagihugu bo muri ako karere bahora bagira ibibazo mu gutumatumanako amakuru, kubera umuyagankuba utari henshi.

Muri Econet leo bamenyesha ko bahimbawe n’ugufata mu mugongo ibikorwa vy’ishirahamwe CJA risanzwe ririko ritanga inyigisho z’imyuga ku rwaruka. Ugutanguza ku mugaragaro ico kigo co muri Ngorore kabaye akandi akaryo ko kwerekana urwaruka rumaze guhabwa inyigisho n’ico kigo, umwe muribo, Evode Irambona, akaba agiye gukorera muri ako kazu k’ubudandaji kagaresha umuyagankuba utangwa n’izuba.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
Karumbeti Eloi 2016-12-08 19:27:48

Yooo Ubona Natwe Ino Iwacu Ku Muragarazi Bobitukorera Turakenye Aho Dushariza Murabirabe Kabisa

2
mugegena 2016-11-10 11:01:50

jew nibazako uwo mutama wacu kweli sinumva ko yoja mwaro agiye muri kiyosike gutanga ugwinjizo gusa mbega uravye ubutunzi bwigihugu aho bugeze ukaraba imiduga nabantu vyajanye uburyo bakoresheje mumbwire mustitanteli canke buramatali nawe agaciro babahaye nakahe?ntavyo barigukora?

3
mugegena 2016-11-10 10:59:35

jew nibazako uwo mutama wacu yashaje kweli sinumva ko yoja mwaro agiye muri kiyosike gutanga ugwinjizo gusa mbega uravye ubutunzi bwigihugu aho bugeze ukaraba imiduga nabantu vyajanye uburyo bakoresheje mumbwire mustitanteli canke buramatali nawe agaciro babaha nibiti nibonone bariko barimaramaza gusa ntamitwe bafise niho bageza ntagihanura ikindi

4
Wakera 2016-11-05 00:14:19

Ariko uwo mukungu Peter asigay yaratay umutwe!!! Arashobora gusesagura itunga ry’igihugu aduga n’amamodoka amajana (ibitoro) , frais de mission z’ ayamagabura amuherekeza yirirwa aragandagura abarundi b’inzirakarengane ngo agiy kwugurura kiosque yotumwe yugururwa n’umukuru w’umutumba murako karere! Amafaranga yasesaguy yokwubaka utwotuzu muntara zose!!! That’s crazy!!! N’ukumujana kwa le Gentil

Kumenyekanisha