Urwego CNC rwatunganije inama n’abakuru b’ibimenyeshamakuru

0 24-10-2018 - saa 15:45, vianney

Urwego rujejwe gucungera ibimenyeshamakuru bikora mu Burundi CNC(Conseil National de la Communication) rwatunganije kuruno wa gatatu igenekerezo rya 24 Gitugutu 2018 ,inama hamwe n’abarongoye amaradiyo n’ibimenyeshamakuru mu ntumbero yo guhanahana ivyiyumviro vy’ico gisata.

Mw’ijambo ryiwe ryo kugurura iyo nama,umukuru wa CNC Nestor BANKUMUKUNZI yamenyesheje ko iyo nama yatunganijwe mu ntumbero y’urukwirikirane rwo guhanahana ivyiyumviro kugira bakinge ingorane zabaye mu misi yahera ntizongere kuba.

Nestor BANKUMUKUNZI yavuze ko ivyo urwego arongoye ruza kurabira hamwe n’abakuru b’amaradiyo hamwe n’ibimenyeshamakuru bizofasha kugira abamenyeshamakuru bakore borohewe gusumba.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!  

Kumenyekanisha