Urushengero rwa Pantekoti muri Komine Nyanza-Lac rwugawe

5 10-07-2017 - saa 09:16, Egide NDUWIMANA

Ubuyobozi bwa komine Nyanza-Lac bwafashe ingingo y’ukwugara vy’agateganyo urushengero rwa Pantekoti rwo muri iyo komine ku mvo z’ugukingira umutekano w’abakirisitu basengera muri urwo rusengero, hamwe n’ababanyi b’aho.

Iyo ngingo yafashwe mu gihe haheruka kwibonekeza akajagari katewe n’ukumvikana hagati y’abahasengera, ivyo bigashobora guhungabanya umutekano. Intango ya vyose ni abakirisitu bagiriza ababarongoye ko batubahiriza amategeko y’urushengero, kandi ko banyonyeza amatunga y’abo bajejwe.

Nk’uko bivugwa na bamwe mu basengera muri urwo rushengero, ako kajagari kibonekeje inyuma y’aho abakuru b’urwo rusengero rwa Pantekoti rwo muri komine Nyanza-Lac bahezagiye ubugeni bw’abantu babiri, umugabo n’umugore bompi basanzwe bafise abo bari bubakanye. Abo bakirisitu bavuga ko bakiriye nabi ivyo vyabaye, aho bavuga ko amategeko agenga ishengero rya Pentekoti atariko arubahirizwa n’ababatwara.

Abasengera aho bakavuga kandi ko abakuru babo basesaguye bakongera bakanyuruza amafaranga y’ubutunzi rusangi rw’urwo rusengero.

Jean Claude NDUWIMANA, Musitanteri wa komine Nyanza-Lac avuga ko urwo rusengero ruzosubira kwugururwa ku ngingo ya Buramatari w’intara ya Makamba asanzwe yaramaze gushikirizwa ico kibazo.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
mfatukobiri vendeur 2017-08-23 23:28:17

wasikilize mashaliti ya selikali atakayopinga apelekwe mahakamani

2
ndiwamungu jos 2017-08-23 23:00:58

ndiwamungu jos

3
Nahayo Alexandr 2017-07-10 22:20:46

N akamaramaza kubona ico twokwita ikimuri ca misi yose gifumba umwotsi !

4
Emmanuel ntirandekura 2017-07-10 15:26:00

Ivyo bintu nivyo kuko amategeko yarahonyanzwe kuretse ko nimana itemera ko usengero ruba ikibanza ca business cnke se ko rukorerwamwo amanyanga mwenayo.

5
Emmanuel ntirandekura 2017-07-10 15:25:54

Ivyo bintu nivyo kuko amategeko yarahonyanzwe kuretse ko nimana itemera ko usengero ruba ikibanza ca business cnke se ko rukorerwamwo amanyanga mwenayo.

Kumenyekanisha